Liverpool 2- 1 Leicester

Salah (uwa kabiri i bubamfu) yinjije ibitsindo bibiri Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Salah (uwa kabiri i bubamfu) yinjije ibitsindo bibiri

Umugwi wa Liverpool watanye mu mitwe n'umugwi wa Leicester mw'ihiganwa rya Premier League, Liverpool itahukana intsinzi ya 2 kuri 1 ca Leicester.

Leicester niyo yuguruye umuryango w'ibitsindo ku gitsindo cinjijwe na Jamie Vardy mu gice ca mbere.

Umugwi wa Liverpool wahavuye ubasubiriza mu ndumane ku bitsindo bibiri vyinjijwe na Mohamed Salah ku munota wa 52 n'uwa 77.

Mw'ihiganwa ry'uno mwaka Salah amaze kwinjiriza Liverpool ibitsindo 24, uwo mugwi ukaba uri mu kibanza ca kane muri kino gihe n'amanota 41.

Umugwi wa mbere Manchester City watsinze Liverpool vy'agashinyaguro (5-0) mu ntango z'ukwezi kw'icenda, ufise amanota 58.