Crystal Palace 0-0 Manchester City

Zaha (hagati) niwe mukinyi w'imbere akomeye mu mugwi Crystal Palace Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Zaha (hagati) niwe mukinyi w'imbere akomeye mu mugwi Crystal Palace

Umugwi wa Crystal Palace wihagazeko utuma Manchester City itahira inota rimwe, inyuma yaho vyankiye ko winjiza urukino rugahera ari 0-0.

Muri urwo rukino rwarangiye ata mugwi numwe ushoboye kwinjiza, Crystal Palace ntiyagize amahigwe ku munota wa 90 uronse penaliti, inyuma yaho umusatirizi Wilfried Zaha akorewe ikosa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umusatirizi Zaha (aguye hasi) niwe yatumye Crystal Palace ironka penaliti ariko itashoboye kwinjira

Penaliti yatewe na Luka Milivojevic yahagaritswe n'umunyezamu Ederson, atuma Man City ibandanya kuba umugwi utarigera utsindwa gushika ubu.

Man City uguma mu kibanza ca mbere n'amanota 59, ikarusha Chelsea ya kabiri amanota 14.

Umugwi Crystal Palace ufise amanota 19, n'ikibanza ca 17, ukaba ari umugwi wa nyuma mu yoba yemerewe kuguma mw'ihiganwa rya Premier League igihe ryoba rirangiriye hano.

Mu rukino ruheruka, Crystal Palace yari yahuye na Arsenal aho yatsinzwe 3-2.