Tottenham yakuye Arsenal ku kibanza ca gatanu

Kieran Trippier wa Tottenham na Tom Carroll bagonganye ku kibuga Liberty Stadium ca Swansea Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kieran Trippier wa Tottenham na Tom Carroll bagonganye ku kibuga Liberty Stadium ca Swansea

Umugwi Tottenham wakuye Arsenal ku kibanza ca gatanu inyuma yo gutsinda umugwi wa nyuma mu manota Swansea ku munsi wa kabiri mw'ihiganwa rya Premier League

Mu gihe umusatirizi Harry Kane yari yashizwe ku rutonde rw'abasubirizi, icegera ciwe Fernando Llorente niwe yinjije igitsindo umunyezamu w'umugwi yahoramwo asa n'uwaraririye, bituma umugwi w'abashitsi wakina neza kurusha uja imbere.

Mu gice ca kabiri umugwi Swansea warakinye neza ushaka kugombora, ariko umutwe wa Mike van der Hoorn useka inkingi z'igori.

Bamaze igihe bakomerewe, Spurs baraciye mu ryahumye Swansea bakuye umupira inyuma ku munota wa 89, Kane ahereza Dele Alli ariko ishuti yiwe ya mbere irazibigwa n'umunyezamu Lukasz Fabianski, munyuma ayisubizayo arinjiza.

Urukino rwarangiye ari ibitsindo 2 ku 0 bwa Swansea, Tottenham ica iduga ku kibanza ca gatanu carimwo umugwi Arsenal.

Mu gihe Arsenal ikina uno munsi ku wa gatatu na Chelsea yoramuka itsinzwe, Tottenham ishobora kuguma muri ico kibanza igihe kirekire.

Urukino ruheruka hagati ya Chelsea na Arsenal, rwarangiye ata mugwi n'umwe winjije igitsindo.

Chelsea-Arsenal 0-0