David Moyes yumviye ikigongwe mugenziwe wa West Brom

Andy Carroll ntiyari bwinjize mu nkino 12 yakinye muri rino higanwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Andy Carroll ntiyari bwinjize mu nkino 12 yakinye muri rino higanwa

Umumenyereza wa West Ham David Moyes yumva atewe ikigongwe na mugenziwe Alan Pardew, umumenyereza wa West Brom ku rutonde bafise rw'inkino inyuma yaho aba Hammers batsindiye uwo mugwi bavuye inyuma ku munsi wa kabiri.

Albion bakinye kabiri mu minsi itatu, batsindwa ibitsindo bibiri na Andy Carroll harimwo icinjijwe ku munota wa 94, West Ham iba ivuye mu rutonde rw'imigwi yoca ija mw'ihiganwa ryo hasi.

Aba Baggies bari basavye ngo ntibakinishwe ku munsi wa kabiri, urukino ruje inyuma y'iminsi ibiri bahuye na Arsenal, ariko ntivyashoboka mu gihe abo bahuye baheruka gukina itariki 26 z'ukwezi kwa 12.

"Iyaba nari Alan Pardew nari gucika inkokora uravye ingene Premier League yapanze inkino," niko Moyes yavuze.

"Nta wokwibajije ko ari umugwi waheruka gukina mu minsi ibiri irangiye."

West Brom ntirigera itsinda urukino na rumwe ku ncuro umunani Pardew amaze kubakinisha kuva agenywe mu kwezi kwa 11, mu gutsindwa akibaza ko umugwi wiwe wari urushe haba ku bijanye n'amagara canke mu mutwe.