Umugwi wa Everton wemeje ko uriko uragiriranira ibiganiro na Theo Walcott

Allardyce ashaka kwongereza inguvu mu bakinyi b'imbere, akavuga ko Walcott w'imyaka 28 azofasha muri ico gikorwa bikomeye. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Allardyce ashaka kwongereza inguvu mu bakinyi b'imbere, akavuga ko Walcott w'imyaka 28 azofasha muri ico gikorwa bikomeye.

Umumenyereza wa Everton Sam Allardyce avuga ko uwo mugwi watanguye ibiganiro vyo kugiriranira amasezerano n'umukinyi w'imbere wa Arsenal Theo Walcott.

Allardyce ashaka kwongereza inguvu mu bakinyi b'imbere, akavuga ko Walcott w'imyaka 28 azofasha muri ico gikorwa bikomeye.

"Ntiturumvikana ariko ibiganiro birabandanya kandi twizeye ko tugiriranira amasezerano y'umwanya muremure", ni ko Allardyce w'imyaka 63.

" Nta cizere cinshi mfise simpave ntangara. Nzonezerwa mu gihe uwari we wese azoshira umukono ku masezerano n'aho atoba ari Walcott.

Allardyce aheruka kugura umukinyi Cenk Tosun avuye mu mugwi wa Besitkas ku miliyoni 27 mu kwezi kwa mbere, arashimagiza Walcott, ingene amenyereye inkinon'ingene acenga ko vyofasha uwo mugwi.