Chelsea 0-0 Leicester

Jamie Vardy (i buryo) yagize utwigoro kane ariko umugwi Leicester ukaba waruhagaze neza Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Jamie Vardy (i buryo) yagize utwigoro kane ariko umugwi Leicester ukaba waruhagaze neza

Urukino rwa Premier League hagati ya Chelsea na Leicester rwarangiye ari 0-0, naho umugwi wa Leicester wamaze umwanya munini ukinisha abakinyi 10 gusa.

Umugwi wa Chelsea watahanye agashavu mu kuba utashoboye gutsinda, ukaba wikurikiranije incuro zitatu unganya utinjije igitsindo na kimwe.

Aba Blues bazomerewe ku kibuga cabo inyuma yaho bananiriwe kwinjiza ubugira gatatu, inyuma y'inkino za Norwich na Arsenal, gurto bikababuza amahirwe yo kuduga mu kibanza ca kabiri.

Umukinyi w'inyuma wa Leicester, Harry Maguire yavuze ko bari bahaye uwo mugwi wa Chelsea akaryo ko gushobora kwinjiza.

Yagize ati: "Bari kuronka n'ikitari amanota atatu uravye ingene twakinye mu gice ca mbere. Twabaye kenshi akaryo ko gushobora gutsinda".

"Twabangamiye cane abakinyi bawo b'inyuma, iyo tuja kugira abakinyi 11 mu kibuga mu gice ca kabiri yaba iyindi nkuru, ariko ni vyiza ko turangije tudatsinzwe kandi turonse inota."

Umugwi wa Chelsea wagumye mu kibanza ca gatatu n'amanota 47, mu gihe uwa Leicester uri mu kibanza c'umunani n'amanota 31.