Theo Walcott agiye gukina muri Everton

Theo Walcott yagiye mu mugwi wa Everton Uwufise ububasha kw’isanamu Everton Twitter
Image caption Theo Walcott yagiye mu mugwi wa Everton

Umugwi wa Everton yagiriraniye amasezerano n'umukinyi wa Arsenal Theo Walcott ku miliyoni 20 z'amapawundi mu kiringo c'imyaka itatu n'igice.

Umukinyi Walcott w'imyaka 28 ni umukinyi agira kabiri aguzwe n'umumenyereza wa Everton Sam Allardyce muri uku kwezi kwa mbere inyuma y'umukinyi w'imbere Cenk Tosun yaguzwe imiliyoni 27 z'amapawundi avuye mu mugwi wa Besiktas.

Walcott yari amaze imyaka 12 muri uwo mugwi wa Arsenal aho yatsinze ibitego 108 mu nkino 397.

"Hari ikintu gikomeye cerekeye kwimukira muri uyu mugwi, numva meze neza", ni ko yavuze.

N'umugwi yahora akinamwo kera barashaka kugura Walcott.

Walcott atari bwaje mu rukino na rumwe rwa Arsenal muri uyu mwaka, yizeye ko umumenyereza Allardyce ashobora kumufasha gukina neza.

"Numvise ko ari umwanya mwiza wo kugenda", ni ko yavuze.

Birababaje ariko ni vyoza kuko nshaka gutenza imbere uko nkina no gufasha umugwi wa Everton gutahukana intsinzi nk'uko vyamye ubwa mbere.

Yongeyeko: umumenyereza ntivyamunejereje ariko ibi ni vyo nashaka.

"Naravuganye na we, narategereye agashavu afise ni co yipfuza kuri jewe".

Mu nkuru yatanze, Arsenal yavuze: Twese turamushimira Walcott kuvyo yakoreye umugwi Arsenal tukaba tunamwipfurije kuroranigwa.