Chelsea na Dortmund bagiriraniye amasezerano ku mukinyi Batshuayi

Michy Batshuayi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Michy Batshuayi

Borussia Dortmund bagize amasezerano yo gutizwa umukinyi w'imbere wa Chelsea Michy Batshuayi mu gihe gisigaye uyu mwaka, ariko abanje gusuzumwa amagara yiwe.

Ayo masezerano ashobora gutuma Arsenal inyarutsa kwumvikana na Dortmund ku mukinyi wabo w'imbere Pierre-Emerick Aubameyang, uwo mugwi wo mu Budagi umaze imisi uvuga ko uzomutanga mu gihe gusa baronse uwumusubirira mu kibanza.

Chelsea na yo ishobora kugiriranira amasezerano n'umukinyi w'umufaransa Olivier Giroud kugira asubirire Batshuayi, no mu gufasha kugira amasezerano kuri Aubameyang ashoboke.

Ikiringo c'igurishwa c'abakinyi co mu kwezi kwa mbere kirarangirana n'isaha 23:00GMT kuri uyu wa gatatu.