Chelsea: Antonio Conte mu mayirabiri

Antonio Conte asaba umugwi kumufatira ingingo ni waba udashimishwa n'ivyo akora Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Antonio Conte asaba umugwi kumufatira ingingo ni waba udashimishwa n'ivyo akora

Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yavuze ko "umugwi ukwiye gufata iyindi ngingo" ni waba wibaza ko adakora neza - inyuma yaho batsindiwe 4-1 na Watford.

Uwo mugwi wabaye uwa mbere mw'ihiganwa riheze utsinzwe wikurikiranya ubugira kabiri mw'ihiganwa rya Premier League urushwa ibitsindo bitatu, ukaba uri mu kibanza ca kane, inota rimwe imbere ya Tottenham.

"Mpagaze he? Ha handi," niko yabwiye BBC Radio 5 inyuma y'urukino rwo ku munsi wa mbere.

"Nguma hano, ngerageza gukora no kwitanga ukwo bishobotse. Abandemera? Ni bande bandemera? Ukuhe kuremerwa?

Uwo mugabo aturuka mu Butaliyano yatsinze ihiganwa agihabwa kumenyereza umugwi ubwa mbere.

Muri kino gihe aba Blues bari inyuma ya Manchester City amanota 19, inyuma yaho batsinzwe kandi na Bournemouth 3-0 bari iwabo.

Imbere y'urukino, Conte yasavye umugwi wa Stamford Bridge kugira ico umuvuzeko.

"Ndakora - ni vyaba bikwiye ni sawa," niko yavuze igihe baheruka gutsindwa. "Ataruko, umugwi urakwiye gufata iyindi ngingo."