Abarusiya bariko bagwana ngo baje mu nkino za Olympique za Korea Yepfo

Viktor Ahn (hagati), yatsindiye imidali itatu y'inzahabu mu nkino z'i Sochi mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Viktor Ahn (hagati), yatsindiye imidali itatu y'inzahabu mu nkino z'i Sochi mu 2014

Ingingo yotuma abanonotsi 47 b'abarusiya hamwe n'abamenyereza babo bitaba inkino za Olympique zo mu gihe c'imbeho muri Korea Yepfo izofatwa ku munsi wa gatanu - umunsi izo nkino zizotangurirako.

Abarusiya bazi ko barenganijwe n'umugwi ugenzura inkino za Olympique "International Olympic Committee" (IOC), mu gukugwa mu nkino zizobera mu gisagara ca Pyeongchang.

Abo barusiya barimwo abanonotsi 28 bari bakuwe burundu mu mahiganwa ariko munyuma bagasubizwa umutamana mu ndwi iheze na sentare ibijejwe "Court of Arbitration for Sport" (Cas).

Umugwi w'abacamanza ba Cas batanguye kwumviriza urwo rubanza ku munsi wa gatatu, ariko munyuma rusunikigwa ku munsi wa kane.

"Ingingo z'abo mu mugwi wa Cas zitezwe ku mugoroba itariki 8 Ukwezi kwa kabiri canke mu gitondo itariki 9 Ukwezi kwa kabiri 2018," niko Cas yamenyesheje.

Inkino za "Winter Olympics" zizotangura itariki 9 zishike itariki 25 z'Ukwezi kwa kabiri muri Korea Yepfo - ariko hakaba inkino zishobora kuba ziratangura itariki 8 z'ukwa kabiri, imbere yuko izo nkino zitanguzwa ku mugaragaro.

Bungurujishije urubanza kubera iki?

IOC yatumiye abarusiya 169 ngo bahiganwe nk'abigenga mu nkino za Pyeongchang, inyuma yaho Uburusiya bukuriwe muri izo nkino.

Bwakuwemwo inyuma yaho amatohoza yakozwe yerekaniye ko igihugu arico cagiye kiratanga uburyo bwo kwitera imiti yongereza abanonotsi inguvu, mu nkino z'i Sochi mu 2014.

IOC yarahagaritse ku buzima bwabo bwose abarusiya 43 kutazosubira mu nkino za Olympique inyuma y'irindi tohoza ryabaye.

Mu ndwi iheze Cas yarejeje abarusiya 11, abandi 32 munyuma bunguruza urubanza ngo barabe ko boja muri iryo higanwa rya Pyeongchang.