Wenger: "Abakinyi bo mu Bwongereza ni aba mbere mu kwigwisha hasi"

Dele Alli ahawe ikarata y'umuhondo na Jon Moss ku munsi wa Mungu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Dele Alli ahawe ikarata y'umuhondo na Jon Moss ku munsi wa Mungu

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ko abakinyi bakinira mu gihugu c'Ubwongereza boba ari "abahinga" mu kwigwisha hasi.

Umukinyi wa Tottenham Dele Alli yahawe ikarata y'umuhondo yigwishije hasi mu rukino banganije na Liverpool ku munsi wa Mungu.

Uwo bakinana Harry Kane yagirijwe nawe nyene kwigwisha hasi n'umukinyi w'inyuma wa Liverpool Virgil van Dijk igihe bahawe penaliti.

Wenger yavuze: "Ndibuka ko vyabaye birebire hano igihe abakinyi baturuka hanze babikora, none ubu abakinyi bo mu Bwongereza baravyize ningoga, bakanashobora kuba n'abahinga murivyo muri kino gihe."

Uwo mugabo aturuka mu Bufaransa yavuze ko Raheem Sterling "yigwishije neza" mu kwezi kwa 11, igihe Arsenal itsindwa 3-1 na Manchester City.

Wenger, umugwi wiwe uzohura n'aba Spurs ku kibuga ca Wembley ku munsi wa gatandatu, yavuze ati: "Sinshobora kubwira abakinyi banje ngo bigwishe hasi. Ivyo dutegerezwa kubikura mu rukino."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arsene Wenger avuga ko adashobora kureka abakinyi biwe ngo bigwishe hasi