Korea zombi ziyunze mu mutambagiro wa Olempike

Ahavuye isanamu, Getty Images
Korea y'epfo n'iya ruguru zunze ubumwe mu nkino
Abanonotsi ba Kore y'epfo n'iya ruguru biyunze bakorera hamwe umutambagiro n'ibirori vyatanguje icese inkino za Olempike zo mu gihe c'imbeho zibera i Pyeongchang muri Korea y'epfo.
Mu baje kurorera ibirori harimwo abategetsi bo ku rwego rwo hejuru ba Korea ya ruguru, ba mbere bagendeye Korea y'epfo kuva intambara ka Korea yaba haciye imyaka mirongo itandatu.
Intumwa za Pyongyang zakiranywe igishika n'umukuru w'igihugu ca Korea y'epfo, Moon Jae-in, ariko biyumanganijwe n'icegera c'umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pence.
Yanze kwicarana nabo ku meza bateguriwe, aho bafatira ifunguro ry'abanyacubahiro.
Korea y'epfo yizera yuko kwiyunga muri zino nkino za Olempike bishobora kuzotuma uruhagarara rwa gisirikare na Korea ya ruguru rugabanuka.