Umunya Suede, Charlotte Kalla yabaye uwa mbere atsindiye umudali w'inzahabu

Charlotte Kalla yatsindiye umudali w'inzahabu wa gatatu, uwa gatandatu mu mu nkino za Olympique Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Charlotte Kalla yatsindiye umudali w'inzahabu wa gatatu, uwa gatandatu mu mu nkino za Olympique

Umunya Suede, Charlotte Kalla yabaye uwa mbere atsindiye umudali w'inzahabu mw'ihiganwa rya skiathlon mu gisata c'abakobwa mu nkino za Pyeongchang 2018.

Uwo mwigeme w'imyaka 30 yarushije uwaheruka gutsinda iryo higanwa Marit Bjorgen ku masegonda 7.8, ariko uwo munya Norvege niwe amaze gutsinda kenshi mu bakobwa mu nkino za Olympique z'igihe c'imbeho nyinshi.

Bjorgen yaronse umudari w'ifeza, afise imyaka 37, ageze ku midali 11.

Kalla yatsinze mu minota 40 n'amasegonda 44.9 aba atwaye umudali w'inzahabu ugira gatatu mu nkino za Olympique, mu gihe umunya Finlande Krista Parmakoski yabaye uwa gatatu.

"Uno munsi umutima ntiwari hamwe, mu gihe inkino za Olympique ndazitwararika kuva igihe kirekire," niko Kalla yavuze.

"Ngeze ku musitari turangirizako, sinashaka kuraba inyuma nagumye nkomeza."

Skiathlon ni urukino rwa Ski rw'abantu benshi, ikoregwa mu gace kanini ku burebure bw'ibirometero 15.