Tottenham 1 Arsenal 0

Igitsindo ca Harry Kane kibaye ic'indwi mw'ihiganwa rya Premier League Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitsindo ca Harry Kane kibaye ic'indwi mw'ihiganwa rya Premier League

Umugwi wa Tottenham watahukanye intsinzi uhura na Arsenal ku kibuga ca Wembley ku gistindo c'umutwe cinjijwe na Harry Kane mu ntango y'igice ca kabiri mw'ihiganwa rya Premier League.

Aba Spurs barushije cane gukina abakinyi ba Arsenal, ndetse bakaba bari gushobora gutsinda vyinshi.

Umugwi wa Arsenal wagiye gutera mw'igori ubwa mbere ku munota wa 68, ishuti yakubiswe na Jack Wilshere ariko umunyezamu Hugo Lloris arakinga.

Mu minota ya nyuma umukinyi wa Arsenal Lacazette yagerageje gusatira igori rya Tottenham ariko biba impfagusa.

Umugwi wa Arsenal uri mu kibanza ca gatandatu n'amanota 45, mu gihe Tottenham ugeze mu kibanza ca gatatu n'amanota 52.