Alex McLeish avuga ko ari amahirwe kumenyereza Ecosse ubugira kabiri

Alan McRae (i buryo) avuga ko Alex McLeish ariwe akwiye kujana Ecosse mw'ihiganwa rya Euro 2020

Ahavuye isanamu, SNS

Insiguro y'isanamu,

Alan McRae (i buryo) avuga ko Alex McLeish ariwe akwiye kujana Ecosse mw'ihiganwa rya Euro 2020

Alex McLeish avuga ko ari amahirwe guhabwa ubugira kabiri akaryo ko kumenyereza Ecosse, inyuma yaho apfundikiye amasezerano azorangira mu 2020.

McLeish yasubiriye Gordon Strachan inyuma y'imyaka 11 ahevye ako kazi, akaja kumenyereza Birmingham City.

Uwo mugabo w'imyaka 59, azorongora umugwi w'aba Scots mu nkino z'ibihugu za Uefa hamwe no mu majonjora ya Euro 2020.

"Ndiko ndaryohegwa no guhangana n'amahiganwa akomeye, si je nzobona ndatanguye," niko yavuze.

"Ni agateka ntangere kugenwa kuba umumenyereza wa mbere w'umugwi wa Ecosse.

"Mfise amahirwe yo kurongora igihugu canje kandi ndishimiye kuja muri kino kibanza ubugira kabiri.

"Kuba tuzokinira ubwa mbere ku kibuga ca Hampden Park mw'ihiganwa rya Euro 2020, ni akaryo ko kwereka amakungu impano dufise ku kibuga cacu."

Inkino za mbere za McLeish zizohuza umugwi wiwe na Costa Rica hamwe na Hongrie mu kwezi kuza, zikurikigwe n'inkino za kivandimwe na Perou mu kwa gatanu, na Mexique mu kwa gatandatu.

Inkino za mbere ziwe zo guhiganwa ni iza Uefa, aho umugwi wiwe uzohura na Albanie imuhira itariki 10 Ukwezi kw'icenda, munyuma Israeli itariki 11 Ukwezi kw'icumi.

Ecosse ntirasubira gushika mu rukino rwa nyuma kuva igihe c'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu 1998 mu Bufaransa, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Ecosse rikaba ririko rirarondera umuyobozi yosubirira Stewart Regan.