Wigan gukuramwo Man City muri FA Cup vyagiye mu mateka

Abakunzi ba Wigan bigina intisinzi kuri City

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ifirimbi ya nyuma ivuze, abakunzi ba Wigan baciye binjira mu kibuga kwiginana n'abakinyi babo

Intsinzi ya Wigan kuri Manchester City mu guhiganirwa igikombe ca FA mu mupira w'amaguru mu Bwogereza, rwari urukino ruhimbaye kandi rwaraye rwanditswe muri kahise k'iki gikombe.

Igihe Wigan nyene yatsinda City mu 2013 mu rukino rwanyuma, vyatangaje benshi cane ariko ico gihe yari ikiri ikipe ikomeye iri mu ciciro ca mbere, ariko ubu bari mu cagatatu kizwi nka League One.

Ugaca rero uraba urwego ikipe ya Pep Guardiola ikinirako muri uno mwaka, ukuntu benuriye mu manota ayandi makipe yo mu ciciro ca mbere Premier League, bakaba kandi bakinira ibikombe bine uno mwaka.

Vyari vyavuzwe mbere ko urukino rwa Wigan rushobora kugenda nk'urwo Rochdale yanganijemwo na Tottenham, kandi ko rwari kubabera akarorero, kandi ivyo niko vyaje kugenda.

Ubonye amazina nka David Silva, Sergio Aguero na Leroy Sane mw'ikipe itangura ya City, nta mahirwe na makeyi yari guhabwa umumenyereza wa Wigan, Paul Cook.

Ufise ubukomezi imbere nk'ubwo City ifise, ntawari gushobora kwiyumvisha ukuntu Wigan yari kubazibira.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Amahirwe ya Wigan yongerejwe n'ikarata itukura yahawe Fabian Delph

Ariko bafashijwe n'umwuka udasanzwe wari ku kibuga ca DW Stadium kubera abafana, Wigan yazibiye neza cane kandi ntiyiyanjanjwako aho yaronka amahirwe yo kwinjiza.

Ikarata itukura

Amahirwe ya Wigan yongerejwe n'uko umukinyi w'inyuma wa Manchester City, Fabian Delph, yahawe ikarata itukura kw'ikosa yakoze kuri Max Power wa Wigan, naho hari abavuze ko ritari rikwiye ikarata itukura.

Igice ca kabiri catanguye Winga ifise ingoga zitasanzwe, ariko City naho yari isigaranye abakinyi 10 mu kibuga, yagumye isatira igiri rya Wigan bimwe bikomeye.

Amahirwe y'igitsindo ca Wigan yaje kuboneka igihe Walker wa City yihenda akareka umupira ukamuca munsi y'ikirenge, ugaca ufatwa na Will Grigg wa Wigan, aca atsinda neza cane.

Hakurikiye igihe kitoroshe kuri Wigan hamwe n'abakunzi bayo, ku buryo atari bo babonye umuhagarikizi avuza ifirimbi yanyuma urukino rugahera.

Isinzi ry'abakunzi ba Wigan baciye binjira mu kibuga, kwiginana n'abakinyi babo.