Umurusiya wa kabiri yiketsweko imiti y'inguvu mu nkino za Olympique 2018

Ahavuye isanamu, Reuters
Nadezhda Sergeeva (i buryo) yatowe kuba arimwo umuti wo mu bwoko bwa meldonium itariki 13 Ukwezi kwa kabiri
Umurusiya agira kabiri ahiganwa mu nkino za Olympique 2018 z'igihe c'imbeho nyinshi, ntiyashoboye gusimba imanga igihe asuzumiwe arabwa ko yiteye imiti yo kwongereza inguvu.
Nadezdha Sergeeva, yabaye uwa 12 mu nkino zibiri za bobsleigh mu gisata c'abagore, yatowe yiteye umuti meldonium ubujijwe mu mahiganwa.
Iyo nkuru yasohotse umunsi umwe imbere yaho abagize akanama ka Olympique "International Olympic Committee" bategerezwa guhura ngo bigire hamwe ingene bohagarika ingingo yo kubuza Uburusiya kuja mu mahiganwa bitewe nuko bwagize uruhara mu gutera imiti y'inguvu abanonotsi baco.
Abanonotsi b'ico gihugu bahiganwa i Pyeonchang ku giti cabo, batagereranywa n'abandi.