Uburusiya bwasubijwe mu nkino za Olympique

Abarusiya 168 bagiye mu nkino baharugwa n'ishirahamwe IOC Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarusiya 168 bagiye mu nkino baharugwa n'ishirahamwe IOC

Igihugu c'Uburusiya casubijwe mu mahiganwa n'umugwi ugenzura inkino za Olympique "International Olympic Committee" (IOC) inyuma yaho ikuriwe mu mahiganwa ya Pyeongchang 2018.

Uburusiya bwari bwahagaritswe muri izo nkino zatanguye mu kwezi kwa kabiri, buhogwa kuba bwashigikiye ibikogwa vyo kwiyongera inguvu.

Imbere y'isozera ry'ivyo birori muri Korea Yepfo, IOC yari yavuze ko iryo hagarikwa ryokugwaho mu gihe ata bandi bantu bafashwe biteye umuti wo kwongereza inguvu.

IOC ivuga ko abasuzumwe munyuma bo mu mugwi "Olympic Athlete from Russia" (OAR) basanzwe atayo biteye.

"Uguhagarika umugwi "Russian Olympic Committee" kurakuhweho, bikaja mu ngiro ubwo nyene," niko itangazao rya IOC rivuga.

Uwurongoye umugwi OAR Alexander Zhukov, yarakeje ingingo ya IOC, avuga ko ihambaye.

"Umugwi Russian Olympic Committee urasubijwe agateka kawo," niko yavugiye kuri televiziyo ku munsi wa gatatu.

Abarusiya 168 bagiye mu nkino za Olympique z'igihe c'imbeho nyinshi ataho begamiye, babiri batogwa ko biteye umuti wo kwongereza inguvu.

Umugwi OAR ni wo wari uwa gatatu munini, utwara imidali 17 irimwo iy'inzahabu ibiri.

Ibindi bisa n’ibi