Liverpool 2-1 Crystal Palace

Salah ashikanye ibitsindo 21 ku nkino 38 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Salah ashikanye ibitsindo 21 ku nkino 38

Umukinyi w'imbere Mohamed Salah yahesheje intsinzi umugwi wa Liverpool uhura na Crystal Palace inyuma yaho yinjirije ku munota wa nyuma, bituma uwo mugwi uguma hejuru amanota abiri ku ya nyuma itatu yoja mw'ihiganwa ryo hasi.

Uwo mukinyi aturuka mu Misiri yaronse ico gitsindo ahawe na Andy Robertson, atera ishuti umunyezamu Wayne Hennessey atashoboye kugarura.

Luka Milivojevic niwe yinjije igitsindo ca mbere ca Palace mu gice ca mbere.

Liverpool yagize amahigwe menshi yo gushobora kwinjiza mu gice ca mbere, imitwe ibiri Sadio Mane yateye ntiyashobora kwinjira.

Inyuma y'igitsindo ca Milivojevic Palace yatahukanye, Christian Benteke yahatswe kwinjiza incuro zibiri.

Igitsindo ca Salah cagize ica 21 mu nkino 38, gitumye ashikira uwundi mukinyi yarasanzwe afise ivyo bitsindo kuri izo nkino.

Liverpool yaciye ija mu kibanza ca kabiri n'amanota 66, mu gihe Manchester United iyikurikira yarigifise imikino ibiri inyuma yayo.