West Brom yirukanye umumenyereza Alan Pardew

Umumenyereza Alan Pardew yirukanywe umugwi warusigaje inkino zitandatu Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Umumenyereza Alan Pardew yirukanywe umugwi warusigaje inkino zitandatu

Umugwi West Bromwich wirukanye umumenyereza Alan Pardew inyuma yaho uwo mugwi utsindiwe incuro umunani wikurikiranya.

Uwo mugabo w'imyaka 56 yari yagenywe muri ayo mabanga itariki 29 Ukwezi kwa 11, igihe aba Baggies birukaniye Tony Pullis inyuma y'inkino cumi ata ntsinzi.

Urukino rwa Burnley rwo ku munsi wa Gatandatu batsinzwemwo 2-1 rwatumye uwo mugwi wa nyuma ku rutonde ubura amanota cumi, ngushobora kuguma mw'ihiganwa rya Premier League.

Uwamufasha Darren Moore niwe yabaye aramusubirira, agashobora kuguma muri ico kibanza mu mwanya usigaye mw'ihiganwa ry'uno mwaka.

Pardew abaye umumenyereza agira cumi yirukanywe mw'ihiganwa rya Premier League uno mwaka.

Uwundi yamufasha John Carver nawe nyene agiye gusezeregwa.

Ibindi bisa n’ibi