Uko isoko ry'abakinyi ryifashe i Buraya ku wa gatandatu itariki 07.04.2018

Umumenyereza w'umugwi wa Nice wo mu Bufaransa Lucien Favre Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umumenyereza w'umugwi wa Nice wo mu Bufaransa Lucien Favre

Vyitezwe ko umumenyereza w'umugwi wa Nice wo mu Bufaransa Lucien Favre aja ku rutonde rw'abashobora gusubirira mu kibanza umumenyereza w'umugwi wa Arsenal, Arsene Wenger inyuma y'ihiganwa ry'uyu mwaka nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru L'Equipe co mu Bufaransa.

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yizeye ko "umukinyi wo hagati wa Ecosse w'imyaka 27 Aaron Ramsey, azorangiza amasezerano yiwe mu mwaka uza", azoshira umukono ku yandi masezerano y'umwanya muremure muri uwo mugwi. (Mail)

Umumenyereza w'umugwi wa Tottenham, Mauricio Pochettino, avuga ko umushara wa pawundi imiliyoni 6,01 w'umukinyi Daniel Levy, ungana na pawundi 115.000 buri ndwi yahora afata mu mwaka uheze, "atari ingorane ku bandi bakinyi", n'aho uwo mugwi usanganywe umugambi wo kugabanya umushahara w'abakinyi bawo. (Times)

Umumenyereza wa Chelsea, Antonio Conte avuga ko "ababajwe" n'ingene umugwi wiwe uriko urakina mu kugerageza gusubira butwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza, ariko akabeshuza inkuru zivuga ko ashaka kuva muri uwo mugwi , akongerako ko umugambi wiwe ari uwo "kuguma muri uwo mugwi" no gukora akazi kiwe neza". (Guardian)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukinyi wo hagati wa Manchester City Kevin de Bruyne

Umukinyi wo hagati wa Manchester City, Kevin de Bruyne, w'imyaka 26, avuga ko "misi yose ijwi riba riri hejuru" igihe baba bariko baratamba umuziki ko "atari ugucokoza umuntu n'umwe". Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho yaridogeye induru nyinshi y'umuziki yava mu vyumba vy'abakinyi ba City bihinduriramwo, igihe batsinda umugwi wiwe mu ntangu z'ihiganwa. (Mirror)

Umukinyi w'imbere wa Arsenal, Henrikh Mkhitaryan w'imyaka 29 ashobora kudakina mu gihe cose ihiganwa risigaje inyuma yo kubabara kw'ivi, igihe umugwi wiwe wariko uratana mu mitwe na CSKA Moscou ku musi wa kane. (Telegraph)

Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho yatanguye urugamba rwo gushaka kugiriranira amasezerano n'umukinyi w'inyuma wa Monaco akina mu ruhande rw'ibubafu, umufaransa Djibril Sidibe w'imyaka 25. (Le10Sport)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukinyi wa Real Madrid Gareth Bale

Umukinyi w'umugwi wa Real Madrid, Gareth Bale, w'imyaka 28, avuga ko ata mugambi afise wo kuva muri uwo mugwi wiwe n'aho uwo mukinyi w'imbere adaherutse gukinishwa muri iyi misi ya vuba. (AS)

Umugwi wa Liverpool urashaka umukinyi wo hagati wa Monaco, Christian Koffi, amasezerano uwo mukinyi wo muri Cote d'Ivoire afitaniye n'uwo mugwi azorangira hagati na hagati mu mwaka uza. (Mail)

Umumenyereza wa Real Madrid, Zinedine Zidane hamwe n'umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa, Didier Deschampas, bari ku rutonde rw'abashobora gusubirira umumenyereza wa Juventus, Massimiliano Allegri mu gihe yoja kumenyereza umugwi wa Chelsea. Zinedine na Deschamps bose barakiniye uwo mugwi wa Juventus. (London Evening Standard)

Umugwi wa Inter Milan waciyeko umugwi wa Arsenal mu kurondera kugura umunyegoli w'umugwi wa Zorya Luhansk, Andriy Lunin, no kwemera gutanga imiliyoni 5.5 z'amapawundi, kuri uwo munyegoli w'imyaka 19 wo muri Ukraine. (Gazsetta dello Sport la Italia)

Bivugwa ko umugwi wa Arsenal wipfuza kugura umukinyi wo hagati w'imyaka 18 wo mu mugwi Benfica, Joao Felix, mu masezerano yiwe hari ahantu handitse ko ashobora kuva muri uwo mugwi hatanzwe imiliyoni 25 z'amapawundi, ubu bigashoboka ko azogurwa imiliyoni 35 z'amapawundi. (O Jogo, acishije muri Mirror)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Andre Gray

Umumenyereza w'umugwi wa Watford, Javi Gracia yavuze ko umukinyi wiwe w'imbere Andre Gray ko "ari umukinyi mwiza" ariko yanka kugira ico avuze nimba uwo mukinyi w'imyaka 26 azoguma muri uwo mugwi. (Hertfordshire Mercury)

Umugwi wa Crystal Palace, Aston Villa na Malaga bariko barahiganigwa kugura umukinyi wo muri Australia, Massimo Luongo, w'imyaka 25, akina mu mugwi wa QPR. (SBS)

Umumenyereza wa Stevenage ntiyashize ku rutonde rw'abazotana mu mitwe n'umugwi wa Newport ku musi wa gatandatu, umukinyi w'inyuma Ben Wilmot w'imyaka 18, mu gihe hari amahirwe yo kumugurisha ku migwi ya Arsenal na Tottenham. (Sun)

Umumenyereza w'umugwi wa Newcastle, Rafael Benitez, arashigikiye umukinyi wiwe wo hagati Jonjo Shelvey, ko yoja ku rutonde rw'abakinyi b'Ubwongereza boja mu nkino z'isi, avuga ko uwo mukinyi wiwe "atandukanye n'abandi bakinyi kandi ko ashobora guterera ikintu gikomeye". (Guardian)