Manchester United yatsinze Manchester City 3-2

Chris Smalling celebrates scoring Manchester United's winner Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Chris Smalling (kw'ifoto) na Paul Pogba baratsinze mu nkino zose icenda bakinyemwo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho yavuze ko "bakwiye icubahiro" inyuma yo gutsinda Manchester City bagomboye ibitego bibiri vyose, bituma badaca batangazwa ko batahukanye igikombe c'ihiganwa ry'uyu mwaka.

United yagumye inebagurwa ku kungene bakina bamenyerezwa n'uwo munye Portugal.

Ariko barashoboye kwivyukiranya ku kibuga ca Etihad batsinda Manchester City ibitego 3-2.

"Nibaza ko dukomeye gusumba uko abantu bavyibaza", ni ko Mourinho yavuze.

"Abakinyi barakomeye cane gusumba uko abantu bavyibaza kandi nanje ndakomeye gusumba uko bavyibaza.

"Turakwiye icubahiro gusumba ico abantu baduha ubu."

Iyo Manchester City yatsinda yari guca ironka igikombe ku wa gatandatu.

Ubu Pep Guardiala akeneye gutsinda Tottenham ku wa gatandatu uza kandi akipfuza ko Manchester United yotsindirwa iwabpo na West Brom ku musi ukurikira, kugira kurindi yinga Manchester City ice itangazwa ko ari yo itahukanye igikombe c'ihiganwa ry'uyu mwaka.

Intsinzi ya United isigura ko baguma mu kibanza ca kabiri, ariko bakaba barusha amanota ane gusa Liverpool iri mu kibanza ca gatatu.

Umukinyi w'inyuma wa Manchester United Chris Smalling ni we yinjije igitego c'intsinzi inyuma y'ibitego bibiri vyinjijwe na Paul Pgba.