Bournemouth 0-2 Manchester United

Chris Smalling slides in to give Manchester United the lead at Bournemouth Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Chris Smalling (Uwa gatatu i buryo) amaze gatatu yikurikiranya gutsinda mu nkino zo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, inyuma yo gutsinda rimwe gusa mu nkino 101 z'imbere y'aho.

Intsinzi ya Manchester United y'ibitego 2-0 bwa Bournemouth yerekanye ko abakinyi biteguriye gutana mu mitwe na Tottenham mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'ihiganwa ry'igikombe ca FA, nk'uko bivugwa n'umumenyereza Jose Mournho.

Mourinho amaze guhindura abakinyi indwi kuva inyuma y'aho Manchester United itsindiwe iri ku kibuga cayo n'umugwi uri mu yanyuma wa West Brom.

Chris Smalling hamwe na Romelu Lukaku yari ahejeje kugombora ni bo batsinze ku kibuga ca Vitality, baca batuma uwo mugwi urusha amanota ane yose Liverpool iza mu kibanza ca kane mu nkino zine zisigaye.

Manchester United yatsinze Manchester City 3-2

Manchester United na Chelsea batsinzwe mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza

Mourinho yavuze ko urwo rukino ari akaryo keza ku bakinyi ku kuja ku rutonde rw'abazohangana na Tottenham mw'ihiganwa ry'igikombe ca FA, ari na ko karyo kanyuma konyene basigaranye ko gushobora gutahukana igikombe uyu mwaka.

Ibindi bisa n’ibi