CECAFA-17: Serengeti Boys ya Tanzania yatsinze Kenya 2-1

Abakinyi ba Serengeti Boys ba Tanzania bariko barigina igitego Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Abakinyi ba Serengeti Boys ba Tanzania bariko barigina igitego

Mu nkino za CECAFA z'abatarenza imyaka 17, Tanzania yatsindiye kuja mu gice ca nyuma c'ihiganwa inyuma yo gutsinda Kenya ibitego 2-1, mw'ihiganwa ry'igikombe c'ibihugu vya Afrika yo mu buseruko no hagati.

Muri urwo rukino, umugwi wa Serengeti Boys umenyerezwa na Oscar Milambo, ni wo watanguye kwinjizwa igitego ca mbere, hanyuma baragombora imbere yo gutsinda igitego c'intsinzi.

CECAFA-17: Umugwi wa Zanzibar wirukanywe mw'ihiganwa

CECAFA y'abatarenza 17 yatanguye mu Burundi

Ibitego vya Serengeti Boys vyinjijwe na Jaffar Juma ku munota wa 21 hamwe na Kelvin Paul ku munota wa 62 y'urukino.

Bazihura mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa n'uwuzoba yatsinze hatagi ya Uganda na Somalia.

Ibindi bisa n’ibi