Real Madrid yatsinze Bayern Munich ibitego 2-1

Real Madrid yatsinze ifise ibice 39 kw'ijana Bayern na yo 61
Image caption Real Madrid yatsinze ifise ibice 39 kw'ijana Bayern na yo 61

Real Madrid yatsinze umugwi wa Bayrn Munich ku kibuga cawo ca Alianz Arena mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'inkino z'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya.

Uwo mugwi usanganywe igikombe co mu mwaka uheze, uriko urita ku rutare kugira ugitware incuro ya gatatu wikurikiranya, vyagaragaye ko ucumbagira inyuma ariko ukaba ukomeye imbere.

Marcelo na Asensio ni bo binjije ibitego vy'uwo mugwi.

Umukinyi Joshua Kimmich ni we yatsindiye igitego umugwi wa Bayern.

Bayern yananiwe n'ibitego vyinshi, mu gihe igitego ca Christiano Ronaldo na co cahakanywe n'umuhagarikizi kubera yari yakoze umupira n'ukuboko.

Ubu rero Bayern bategerezwa gutsinda ibitego bibiri ku musi wa kabiri uza kugira babuze umugwi wa Real Madrid gushika mu gice ca nyuma incuro ya kane mu myaka itanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Asensio atsinze igitego ca kabiri ca Real Madrid