Uganda yatahukanye ikibanza ca gatatu mu nkino za CECAFA

Umugwi Uganda Cranes mu mwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi Uganda Cranes mu mwaka uheze

Umugwi w'umupira w'amaguru wa Uganda watahukanye ikibanza ca gatatu uhura na Kenya mu Burundi, mw'ihiganwa ry'ibihugu vyo muri Afrika y'ubuseruko na hagati " Council for East and Central Africa Football Associations" (CECAFA) ry'abafise imyaka iri munsi ya 17.

Umugwi wa Uganda watsinze Harambee Stars ya Kenya ibitsindo 4 kuri 2 ku kibuga c'umupira Urukundo co muri komine Buye mu ntara ya Ngozi.

Kenya yatahukanye igikombe ca CECAFA intsinze Zanzibar 3-2

Uwufise ububasha kw’isanamu Peter Njoroge
Image caption Kenya yatahukanye igikombe ca CECAFA intsinze Zanzibar 3-2

Igihugu ca Kenya caheruka gutahukana igikombe ca CECAFA mu mwaka uheze, gikuyemwo umugwi wa Zanzibar ku bitsindo 3 kuri 2 mu rukino rwa nyuma.

Finale y'uno mwaka izokinwa ku wa Mungu hagati y'imigwi y'ibihugu vya Somalia na Tanzaniya ku kibuga Ngome c'i Gitega, igisagara ca kabiri gikuru kiri hagati mu Burundi.

Ibindi bisa n’ibi