Urwanda rwasubije inyuma isango ry'inkino z'umupira w'amaguru w'abagore mu rwego rwa Cecafa, hasigaye iminsi ine gusa ngo izo nkino zitanguzwa

Tanzaniya hano yishimira intsinzi yayo mu 2016, mu nkino za Cecafa zahuha abagore
Image caption Umurwi wa Tanzania niwo ubaye uwambere kurindirizwa kw'isango ryawo mur'izi nkino

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Rwanda (Ferwafa) ryaribereye ngombwa guhindura inkino z'umupira w'amaguru w'abagore mu rwego rwa CECAFA, hasigaye iminsi ine gusa ngo izo nkino zitanguzwe.

Izo nkino zihuza imirwi y'ibihugu vyo hagati hamwe n'ubuseruko bwa Afrika zari zitegekanijwe gutangura itariki ya 12 z'ukwa gatanu (Rusama), ariko ishirahamwe Ferwafa rimenyesha ko rikirindiriye intererano y'amafaranga yo gutunganya izo nkino, ava mu muryango w'amashirahamwe y'umupira w'amaguru mu bihugu vyo hagati n'ivy'ubuseruko bwa Afrika (CECAFA).

Bonnie Mugabe arongoye ukumenyesha amakuru mu rwego Ferwafa, amenyesha ko, naho ibikenewe vyose mw'itunganywa ry'izo nkino vyari vyateguwe, uburyo butarakwira bwotuma izo nkino zitagenda uko zateguwe.

Amakuru ava mur'urwo rwego avuga ko "Ferwafa ata mahera yo gutegura izo nkino CECAFA irabaronsa nk'uko vyari vyarumvikanywe ko mukwezi kwa kane. Amakete n'ukuvugana kuri telefone vyari vyabandanije mu ntumbero y'uko ivyumvikanywe bisrwa mu ngiro".

Isango rishasha ry'izo nkino ntiriremeranywa.

Bonnie Mugabe yongeye ati, "Igihe ayo mafaranga yo gutunganya izo nkino azoba yabonetse, inzego za Ferwafa na Cecafa zizoje hamwe zimenyeshe amatariki izo nkino zizoba zungururijwe ko".

Urwanda, ari narwo rutunganya izi nkino mur'uyu mwaka, rwiteze kwakira imirwi ya Kenya, Uganda, Zanzibar, Uburundi, Etiyopiya, Djibouti na Tanzaniya, mu nkino zitegekanywa kumwara iminsi 10.

Igice kimwe c'amafaranga yo gutunganya izo nkino yabwirizwa gutangwa n'ishirahamwe mpuza makungu ry'umupira w'amaguru (FIFA), agacishwa mu runani rw'amashirahamwe y'umupira w'amaguru muri Afrika, imbere yo gushikanwa muri CECAFA.