Andres Iniesta yakiniye ubwa nyuma umugwi wa Barcelone

Andres Iniesta Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinyi ba Barcelone bariko barasezera Andres Iniesta

Andres Iniesta yarangije ikiringo ciwe muri Bacelone inyuma yo gukina urukino rwiwe rwa nyuma muri uwo mugwi aho batsinze Real Sociedad mu rukino rwa nyuma mw'ihiganwa ryo muri Espagne.

Iniestabamusezeye nk'intwari, abakunzi ba Barcelone bari banditse inyandiko zo kumusezera, ku kibuga haratswa itara ridasanzwe rimugenewe, aza afise amosozi avuga 'aha nahashitse nkiri umwana, ubu ngiye nd'umugabo, nzobagumiza ku muzirikanye imyaka yose'.

Ibirori vyo kumusezera vyari biryoshe gushika aho abandi bakinyi bagenzi we harimwo na Messi bakorora amosozi, mu gihe abarorerezi baciye batsa amatara ya telefone hamwe n'ayandi matara mu mwiza ku kibuga, mu kumuha icubahiro.

Abakinyi bose bari bambaye umupira wanditseko numero umunani n'izina rya Iniesta.

Ingene isoko ry'abakinyi ryifashe itariki 17.04.2018

Barcelona yatsinzwe n'ikipe izamutse vuba

Guardiola: Urukino hagati ya City na Barcelone ni nk'urwa nyuma

Abarorerezi bose baciye bafatana bandika ijambo 'Infinit Iniesta', bisigura Iniesta igihe cose, hanyuma bamuhaye mikoro yavuze " ndabashimiye baknyi bagenzanje, umwe umwe wese. Nzobibuka mwese. Ndashimiye abakunzi banje ku rukundo rwanyu, ikintu cose mwankoreye kuva nshitse ngaha ndi umwana muto. Mvuye ngaha ndi umugabo. Nzobagumiza ku muzirikanyi igihe cose".

Iniesta w'imyaka 34 yari amaze muri Barcelone imyaka 22 akaba yari amaze gutwara ibikombe bikomakomeye 22 mu myaka 16 yakiniye umugwi w'abakuze kuko yatanguriye mu mugwi w'abana muri uwo mugwi.