Urukino rwanyuma rwa Champions League: Real Madrid izovyifatamwo gute imbere "y'imyampi itukura" ya Liverpool?

Sadio Mane, Mohamed Salah and Roberto Firmino Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Abantu bose biteze ugusatira kwa Liverpool kurimwo ingoga nyinshi mu rukino rwanyuma rwa Champions League, ariko ico tutazi ni ukuntu Real Madrid izogerageza kuvyifatamwo.

Umumenyereza wa Liverpool Jugen Klopp ntazohindura umukenyuro wiwe wa 4-3-3 mu rukino rwa kuwa gatandatu, kandi kubera imvune nta buryo bwinshi afise bwo guhindagura abakinyi.

Bihushanye na Zinedine Zidane wa Real Madrid, kuko we afise ikibazo gikomeye co kumenya abakinyi azohitamwo i Kiev canke umukenyuro azokoresha, ariko azobikora yisunze ingene Liverpool yakenyuye.

Zidane yarahuye n'ibihe aho ikipe yiwe yagize ingorane mu mahiganwa aheze ariko, cane cane i Buraya, yaravyifashemwo neza.

Yashikanye Real Madrid mu rukino rwanyuma bitavuye ku kwibanda ku buryo bumwe bwo gukina, ahubwo bivuye ku kuraba, urukino ku rundi, ukuntu uwo baza guhura yakenyuye, kandi igihe cose akaronka uburyo bwo kubanesha.

Akoze ivyo, agahindura umukenyuro wa Real bivanye n'uwo baza gukina uwo ari we, yarerekanye ko atari umumenyereza apfa kurungika abakinyi biwe mu kibuga akababwira ngo bakore ivyo bashoboye, naho bafise ubuhinga bukomeye umwe wese ku giti ciwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Sport
Image caption Ikipe ya Liverpool yatanguye urukino rwo kwishura rw'ica kabiri c'ihiganwa na Roma niyo vyitezwe ko itangura urukino i Kiev

Real igomba kurusha ubwinshi inkuba zitatu za Liverpool zikina imbere

Hamwe mu hantu hazobera urugamba rukomeye ni ku ruhande rw'iburyo rwa Liverpool, aho Muhamed Salah azoba ahanganye n'umunye Brezil wa Real, myugariro Marcelo, asanzwe ariwe mukinyi w'inyuma anasatira cane kurusha abandi kw'isi.

Marcelo akorera vyinshi cane Real, ariko kumushoboza gukora vyinshi bishoboka adatumye inyuma hasigara hagaragara, bizogira ingaruka nini ku kuntu Zidane azohitamwo ikipe yose ashira mu kibuga.

Yamye yiyubara cane iyo yahura n'amakipe akina umukino wo kwivyukiranya mu gusatira nka Liverpool, kandi ivyo arashobora kubisubiramwo.

Zidane ashobora kwibaza ko Marcelo aza gusatira, ashobora gukingira ikipe yiwe mu kuyironsa uwundi myugariro wo hagati nka Mateo Kovacic canke Casemiro mu mukenyuro wa 4-4-2 nk'uko yabigize mu rukino rwa kabiri yatsinzemwo Paris St-Germain muri 16 zanyuma.

Bashobora kugumya inyuma bagatuma Real isatira iciye mu mpande, ariko ingaruka yavyo kuri Zidane ni uko bisigura ko yoca abura ikibanza ashiramwo Toni Kroos na Lukas Modric mw'ikipe.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Sport
Image caption Zidane yakoresheje umukenyuro wa 4-4-2 i Paris mu rukino rwa kabiri muri 16 basigaye mw'ihiganwa akina na Paris St-Germain. Gareth Bale yari kw'ibenci, ari kumwe na Kroos na Modric. Yakoresheje kandi umukenyuro wa 4-4-2 mu rukino rwa kabiri rw'ica kabiri c'ihiganwa atsinda Bayern Munich, Kroos na Kovacis bakina hagati na Asensio na Modric baja i bubamfu n'iburyo

Uwundi mukenyuro ni 4-1-4-1 Zidane yakoresheje aho yatsindira Bayern Munich iwayo mu ca kabiri c'ihiganwa. Niyawusubira, ashobora gushira Casemiro imbere ya bane b'inyuma kugira abakingire kuko arazi ubunyarutsi bwa Liverpool.

Ariko ategerezwa gufasha abakinyi biwe b'inyuma kuko, bitagenze uko, nimba Marcelo agomba kuja gusatira bisigura ko azoba asize batatu inyuma bahanganye n'abasatirizi batatu ba Liverpool aribo Salah, Roberto Firmino na Sadio Mane, canke "Imyampi itukura ya Liverpool" nk'uko babatazira.

Liverpool yinjije ibitsindo 40 mu nkino 12 za Champions League uno mwaka, kandi Salah (10), Frimino (10) na Mane (9) binjijemwo 29 uko ari batatu.

Igiteye ubwoba buri kipe ihuye na Liverpool ni abo batatu, cane cane Mane na Salah, kuko baranyaruka cane ku buryo naho umukinyi w'inyuma yoba ari mwiza gute, ubunyarutsi bwabo butegerezwa kumuteza ibibazo.

Mu guhangana n'ico kibazo, Real itegerezwa kubarusha igitigiri uko vyongeda kwose, bivanye n'umukenyuro Zidane azoba yahisemwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Sport
Image caption Benzema yishizwe kw'ibenci igihe Real yatinda 2-1 i Munich mu rukino rwa mbere rw'ica kabiri cihiganwa, Ronaldo akina wenyene imbere mu mukenyuro wa 4-1-4-1. Warnock agira ati "Zidane ntatinya kwicarika abakinyi bakomeye". "Bitandukanye na bamwe mu bamubanjirije kumenyereza Real, atora ikipe iza kumuha intsinzi, ntaraba ico abantu baza kuvuga."

Bale ni kirumana nimba Zidane ahisemwo yuko ubunyarutsi bushobora kunesha Liverpool.

Liverpool nayo nyene itegerezwa kwikwiza ku ruhande rwayo rw'iburyo.

Salah ategerezwa kuguma kure imbere, ariko ivyo bica bituma Trent Alexander-Arnold aca aguma adakingiwe inyuma i buryo.

James Milner niyaba ata mvune ashobora gukina, nokwizera ko yokina haruguru i buryo bwo hagati kugira bareke Salah agume imbere arondereze mu kibanza ico ari co cose Marcelo yosiga inyuma, ariko hakaba inkinzo imbere ya Alexander-Arnold.

Ivyo bishobora kutaba ingorane ihambaye kuko, bivanye n'ikipe Zidane aza guhitamwo, Real irashobora kutanyaruka co kimwe na Liverpool mu gusatira.