Misiri mu marira inyuma y'imvune ya Salah

Liverpool forward Mohamed Salah was injured during a challenge with Real Madrid captain Sergio Ramos Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mohamed Salah scored two goals against Roma in the Champions League semi-final

Abanya Misiri bari mu marira inyuma yaho Mo Salah avunikiye mu rukino rwa nyuma umugwi wiwe wa Liverpool uhura na Real Madrid, bigabanya amahigwe y'ihiganwa rikurikira ry'igikombe c'isi yose.

Umumenyereza wiwe Jurgen Klopp yavuze ko iyo mvune atari iyo gufata minenengwe, ariko igihugu ca Misiri co ngo kiracafise icizere ko atazohara mw'ihiganwa ry'isi yose.

Salah yavuye mu kibuga arira inyuma yaho umukinyi kizigenza wa Real, Sergio Ramos amugwishije hasi mu rukino Liverpool yatsinzwemwo 3-1.

"Ari mu bitaro apimwa ku buryo bwa Rayons-X. Ashobora kuba yavunitse ku gitugu canke mw'iteranirizo. Ntibimeze neza."

Abanya Misiri baracitse inkokora igihe avunikiye, nkuko vyiganwa n'umumenyeshamakuru akurikirana ivy'umupira w'amaguru mu Misiri, Marwan Ahmed.

"Mu vy'ukuri, ntawubitegera. Nta majambo mbona nokoresha mu kubisigura. Twacecetse nk'umunota umwe igihe Salah atembeye ubwa mbere. Igihe agwiriye hasi ubugira kabiri twaciye tubona ko bitameze neza, tubona ko agiye kuva mu kibuga.

"Nta munya Misiri numwe yipfuza ko ivyo bishika, nta na rimwe twari bwabone umunya Misiri akina urukino rwa nyuma rwa Champions League. Hari abarize.

"Nizeye ko bitazomubuza gukina igikombe c'isi yose. Ni umukinyi akomeye cane mu mateka ya Misiri. Tumaze imyaka 28 tutaja mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose none ubu tuhashitse, indoto zacu zirarangiye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Mohamed Salah aheruka kuronka agashimwe ku mukinyi wa mbere mwiza mw'ihiganwa rya Premier League

Salah, yatsindiye umugwi wiwe ibitsindo 44 uno mwaka, yaciye asubirigwa n'uwitwa Adam Lallana.

Icizere ca Liverpool ahanini cari gishingiye kuri uwo mukinyi w'imbere, isohoka ryiwe rikaba ryatumye uwo mugwi watsinzwe 3-1 urangiza ihiganwa ry'uno mwaka ataco utahukanye.

Kazoza k'umumenyereza Jurgen Klopp nako gashitse mu mayirabira, na burya amaze imyaka itatu i Anfield ata gikombe na kimwe atwaye.

Bubaye ubwa gatatu Liverpool ya Klopp itsindwa mu rukino rwa nyuma inyuma yaho itsindiwe na Manchester City muri League Cup, ikongera igatsindwa na Séville muri Europa League, mu 2016.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru

Imihora ya Internet bijanye

BBC ntibazwa ibivuye mu mguga zitari izayo