Umunyegoli wa Liverpool Loris Karius yahanuwe ko yokwimuka inyuma y'amakosa yakoze mu rukino rwabahuje na Real Madrid

Loris Karius Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Loris Karius yakoze amakosa abiri agaragara mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye iya mebere iwabo

Umunyegoli wa Liverpool Loris Karius yahanuwe kwimukira mu kindi gihugu kubandanya akazi kiwe ko gukina umupira inyuma y'amakosa abiri yatumye uwo mugwi utsinda na Real Madrid ku musi wa gatandatu.

Uwo mudagi w'imyala 24 aranebagurwa kuba yarafashije Real Madrid gutsinda ibitego 3-1 mu rukino rwa nyuma rwabereye mu gisagara ca Kiev muri Ukraine.

Karius yariyushe iryosozi inyuma y'ifirimbi ya nyuma, bigaragara ko ashavuye cane.

Mu nyuma yarasavye imbabazi abakinyi bagenzi we, umumenyereza n'abakunzi b'uwo mugwi.

Umumenyereza wa Liverpool Klopp afise icizere co gutsinda Champions League

Umwihwezo: Real Madrid izovyifatamwo gute imbere "y'imyampi itukura" ya Liverpool?

Roma isaba ikoresha rya "video" inyuma yaho ikuriwemwo na Liverpool

Uwahoze asamira umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Robert Green, yigeze gokora amakosa nk'ayo avuga:" Mu gihe yosubira mu Budagi, ni vyo nta wushobora kwibagira ivyo yakoze ariko ntawuzovyitaho cane."

"Kutavyitaho cane, bishobora kuba ikintu ciza, kuja mu kindi gihugu aho abantu batitayeho cane ivyerekeye urwo rukino."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ikosa rya Green mu nkino z'igikombe c'isi co mu 2010, ryatumye atsindwa igitego vyoroshe cane, bituma urukino bariko barakina na Amerika rurangira banganya 1-1.

Avuga ko ibintu nk'ivyo ari ibintu bigoye kwibagira ku munyegoli uwo ari we wese.

Ibindi bisa n’ibi