Uko isoko ry'abakinyi ryifashe i Buraya itariki 30.05.2018: Manchester United yiteguriye kugura Gareth Bale

Gareth Bale Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Manchester United izoha imiliyoni 140 y'ama Euro umugwi wa Real Madrid ku mukinyi Gareth Bale

Manchester United izoha imiliyoni 140 z'ama Euro umugwi wa Real Madrid kugira batware umukinyi Gareth Bale ubu afise imyaka 28 wo muri Ecosse. (AS)

Manchester United na Chelsea barerekanye ishaka ryo gushaka kugura umunye Espagne Jordi Alba w'imyaka 29 akinira umugwi wa Barcelone. (Sport)

Arsenal igiye gukorana n'u Rwanda mu vy'ubukerarugendo

Prezida w'umugwi ukina mu cicaro ca gatatu mu Butaliyano Rimini FC yavuze ko yiteguriye kwakira umunyegoli wa Liverpool Loris Karius kw'ideni mu kiringo c'umwaka wose, nk'agashimwe k'umusi yavukiyeko yo ku wa 22 ukwezi kwa gatandatu. Kubera ivyo, uwo mudagi w'imyaka 24 ashobora kuronka akanya " ko kuruhuka no gusubira kwiyemera" inyuma yo kumaramara mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere i Buraya. (Rimini FC)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunyegoli wa Liverpool Loris Karius

Umugwi wa West Ham uriko uragiriranira ibiganiro na Barcelone mu ntumbero yo kugura umukinyi wo hagati mu ruhande rw'ububamfu- umunye Brezil Marlon Santos w'imyaka 22. (Mundo Deportivo)

West Ham kandi bariko baragerageza kuzana umukinyi w'inyuma w'umutaliyanpo akina muri Genoa- Armando Izzo w'imyaka 26, muri uwo mugwi. (Sky Sports)

Umumenyeshamakuru yahevye gutangaza umupira urukino rukibandanya

Real Madrid ni bo bafise amahigwe menshi gusumba Arsenal yo kugura umukinyi w'inyuma wa Athletico Madrid, wo muri Uruguay, Jose Gimenez, bikaba vyitezwe ko barangiza kuriha amahera basabwa imiliyoni53 z'amapawundi. (Talksport).

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Tottenham bafise amakenga ko ishaka ryabo ryo gushaka kugura umukinyi Fulham Ryan rishobora kuburizwamwo na Shahid Khan

Inter Milan basabwa kuriha imiliyoni 40 z'ama Euro kugira baronke umukinyi wo hagati wa Barcelone, Rafinha, w'imyaka 25 wo muri Brezil, yari yatijijwe muri uwo mugwi wo mu Butaliyano mu mwaka uheze. (La Gazzetta dello Sport)

Prezida wa Lazio, Claudio Lotito avuga ko yanse kwakira imiliyoni 110 z'ama euro u mukinyi w'umunya Serbe Milinkovic Savic w'imyaka 23 akina hagati. (Football Italia)

Arsenal yaronse umumenyereza mushasha, Unai Emery

Tottenham bafise amakenga ko icizere co kugura umukinyi w'umwongereza w'umugwi wa Fulham, Ryan Sessegon w'imyaka 18 gishobora guhagarikwa na nyene uwo mugwi wa Fulham, Shahid Khan, ubu ariko yipfuza kugura ikibuga ca Wembley. (Evening Standard)

Image caption Manchester City yatangaje ko ata mugambi ifise wo kugurisha Phil Foden akina hagati yakwije imyaka 18 ku musi wa mbere.

Muri ico gihe nyene, Spurs bariko bararondera umunyegoli wa Southampton, umwongerez Alex McCarthy, w'imyaka 28. (Mirror)

Umupira w'amaguru: Ibihuhwa vyo ku wa Mungu

Umukinyi wa Manchester City akina hagati, umwongereza Phil Foden, yakwije imyaka 18 ku musi wa mbere, azogiriranira amasezerano mashasha n'uwo mugwi, kandi ntazonatizwa mu wundi mugwi mu mwaka uza. (Telegraph)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Newcastle iripfuza umukinyi wa Fulham, Ryan Fredericks

Umukinyi w'imbere wa Bournemouth w'imyaka 26, Mnorway Joshua King, avuga ko adashimishwa n'ingene umumenyereza Eddie Howe yamukinishije mu mwaka uheze. (VG via Independant)

Umunyegoli wa Liverpool yahanuwe kwimuka

Umukinyi w'imbere w'umugwi wa Leeds United, umunye Swede, Marcus Antonsson, w'imyaka 27, ntabona kazoza kiwe muri uwo mugwi. (Footboll Direct via Yorkshire Evening Post)

Ibindi bisa n’ibi