Uburusiya bwinjiye mu gikombe c'isi yose aribwo buhobahoba

Igihugu c'Ubwongereza kiri mu kibanza ca 12 ku rutonde rwa Fifa rwa kino gihe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igihugu c'Ubwongereza kiri mu kibanza ca 12 ku rutonde rwa Fifa rwa kino gihe

Igihugu c'Uburusiya kizokwakira ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu mupira w'amaguru nico kiri mu kibanza ca nyuma ku rutonde rw'ishirahamwe rigenzura umupira w'amaguru kw'isi Fifa.

Uburusiya bwahora hejuru y'igihugu ca Arabie Séoudite mu rutonde Fifa yaheruka gusohora mu kwezi kwa gatanu, ariko bukaba bwasubiye inyuma ibibanza bine, buja mu kibanza ca 70.

Ubwongereza buri mu kibanza ca 12, co kimwe n'igihugu ca Danmark.

Gareth Southgate yoba agiye kumenyereza bwegu Ubwongereza?

Ubwongereza bwegukanye igikombe c'isi ca U-20

Umugwi wa Gareth Southgate "Three Lions" uzohura n'Ububiligi, Tunisia na Panama mu mugwi G, iri mu bibanza vya 21 na 55 kuri urwo rutonde.

Igihugu giheruka gutwara igikombe, Ubudagi nibwo buri mu kibanza ca mbere kuri urwo rutonde, igihugu ca Brésil mu kibanza ca kabiri, Portugal na Argentine igatwara ibibanza vya nyuma mu migwi itanu ya mbere.

Imigwi itanu ya mbere itashoboye kwinjira mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ni Chili (ikibanza ca 9), Hollande (17), Pays de Gales (18), Ubutaliyano (19) na Amerika (25).