Uyu mugore Stoney yatowe kurongora umurwi wa Manchester United, yoba icirwa

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Stoney yatsinze ibitsindo 6 mu nkino 130 mpuza makungu, akinira Ubwongereza

Casey Stoney yahoze ari kapitene w'umurwi w'igihugu c'Ubwongereza, avuga ko "ashaka kwubaka ingendo nshasha", kuva agenywe kurongora umurwi w'abakinyi b'umupira w'amaguru w'abagore, wa Manchester United.

Akwije imyaka y'amavuka 36.

Mu nkino 130 yakiniye umurwi w'igihugu c'Ubwongereza, yawushikanye mu nkino mpuza makungu zitandukanye zabereye i London ku murwa mu kuru w'Ubwongereza, mu mwaka wa 2012.

Uyu murwi yatorewe kurongora, waronkejwe uruhusha rwo kuzokina inkino zihuza abagore za Bulaya.

Hari haheze imyaka 13 abagore bakuze b'uwo murwi badashika mur'izo nkino.

Stoney yishimiye akazi aronse ati, "Uyu ni umwe mu mirwi ikomeye mw'isi".

Yongeye ati, "Kubona ko tugiye kuronka mur'izo nkino, umurwi nk'uyu, akaba ari jewe ngiye guhindura ibintu kuva mu ngendo ituranga, kubwanje mba mbona ko ata kindi noba nkihahamira mu buzima".

Ahandi naho ati, "Ni ukuri ndemera ko Manchester United ushobora guhindura isura abantu bafise ku rukino rw'umupira w'amaguru w'abagore, mw'isi".

Stoney yagiye mu karuhuko ko muza bukuru nk'umukinyi, mu ntango z'uyu mwaka.

Yaciye aba icegera c'umumenyereza mukuru w'umurwi w'igihugu w'umupira w'amaguru w'abagore, Phil Neville.

Asa n'uwemeye guusubira inyuma gatoyi, mu kwemera ico gikorwa co gukorana n'umurwi w'"intare" -United- avuga ko "agiye kwihebera".

Stoney yatahukanye udushimwe 12 dukomeye, mu buzima bwiwe bw'umukinyi w'umupira w'amaguru - yaba aho yakinira umurwi wa Liverpool canke Arsenal -.

Ibindi kuri iyi nkuru

Imihora ya Internet bijanye

BBC ntibazwa ibivuye mu mguga zitari izayo