Ibihuha vyo ku wa Mungu: Guardiola avuga ko amajambo ya Yaya Toure ari ibinyoma

Guardiola arahakana ivyavuzwe na Yaya Toure ko afise "ingorane n'abakinyi baturuka muri Afrika" Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Guardiola arahakana ivyavuzwe na Yaya Toure ko afise "ingorane n'abakinyi baturuka muri Afrika"

Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola yahakanye amajambo Yaya Toure yavuze ko uwo mugabo aturuka muri Espagne "afitaniye ingorane n'abakinyi baturuka muri Afrika", avuga ko "ari ibinyoma kandi ngo arabizi". (Marca)

Umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund n'Ubudagi, Mario Gotze w'imyaka 26, ngo ashobora gusubirana n'umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp. (DAZN, via Independent)

Lyon yahagaritse kugurisha kuri Liverpool umukinyi Nabil Fekir, inyuma yaho bivugiwe ko aba Reds bashatse kumufata ku mahera make babonye ukw'ivy'amagara yiwe vyifashe. (Sunday Mirror)

Liverpool yipfuza gutanga imiliyoni £15 ku mukinyi wa Burnley w'imyaka 26, akongera akaba n'umunyezamu w'umugwi w'Ubwongereza Nick Pope. (Sun on Sunday)

Umumenyereza wa Celtic, Brendan Rodgers ashobora kuja muri Leicester City gusubirira Claude Puel. (Sun on Sunday)

Real Madrid yemeye guha umukinyi wayo w'imbere Cristiano Ronaldo imiliyoni £28.5 ku mwaka, ariko ngo ashobora kuba make kuri uwo mukinyi w'imyaka 33 aturuka muri Portugal. (Cadena COPE, via Sunday Express)

Umunya Swisse Xherdan Shaqiri w'imyaka 26 akina muri Stoke, yoba yavuze ko ashobora kuja gukina muri Liverpool. (Metro)

Manchester United ivugwa ko yoba irondera umukinyi wo hagati wa Lazio, Sergej Milinkovic-Savic ariko uwo mukinyi w'imyaka 23 akinira n'umugwi wa Serbie, yavuze ko azofata ingingo y'aho azobandaniriza umwuga wiwe inyuma y'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose. (Mail on Sunday)

Umukinyi wo hagati wa Manchester United hamwe n'Ubufaransa Paul Pogba w'imyaka 25, yoba yahanuwe n'umukunzi akomeye wa Man Utd, Usain Bolt kuguma mu mugwi ntihagire ahaja. (Manchester Evening News)

Umukinyi w'imbere wa Liverpool na Misiri Mohamed Salah ntararekurira umukinyi mukuru wa Real Madrid Sergio Ramos, inyuma yaho atumye asohoka yababaye mu rukino rwa nyuma rwa Champions League. (Marca, via Mail on Sunday)

Ibindi bisa n’ibi