Arsenal izohura na Man City ku musi wa mbere w'ihiganwa mu Bwongereza.

Manchester City celebrate

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Manchester City mu munezero wo gutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza 2017-18

Manchester City yatwaye igikombe c'umwaka uheze izotangurira ihiganwa ry'uyu mwaka mu mpera z'iyinga y'itariki 11-12 ukwezi kw'umunani bahura na Arsenal.

Uyu mwaka Arsenal izoba ifise umumenyereza mushasha Unai Emery yasubiriye Arsene Wenger, umufaransa yavuye muri uwo mugwi inyuma yo kuwumenyereza imyaka 22.

Tottenham bazokina na Fulham ku kibuga ca Wembley mu kurindira ko barangiza kwubaka ikibuga cabo c'imiliyoni 850 z'amapawundi.

Manchester United bazokwakira Leicester City, Liverpool na bo bakine na West Ham, mu gihe Wolverhampton Wanderers batana mu mitwe na Everton ku kibuga cabo ca Molineux.

Fulham iherutse kuja mu cicaro ca mbere bazohura na Crystal Palace mu gihe Cardiff bazokina na Bournemouth.

Chelsea bazoja gukina na Huddesfield, Southampton bakire Burnley mu gihe Waford bazotana mu mitwe na Brighton ku kibuga ca Vicarage Road.

Inkino z'iyinga rya mbere

Inkino zizokurikira:

KU WA GATANDATU ITARIKI 18 Z'UKWEZI KW'UMUNANI

  • Brighton & Hove Albion v Manchester United
  • Burnley v Watford
  • Cardiff City v Newcastle United
  • Chelsea v Arsenal
  • Crystal Palace v Liverpool
  • Everton v Southampton
  • Leicester City v Wolverhampton Wanderers
  • Manchester City v Huddersfield Town
  • Tottenham Hotspur v Fulham
  • West Ham United v AFC Bournemouth

KU WA GATANDATU ITARIKI 25 Z'UKWEZI KW'UMUNANI

  • Arsenal v West Ham United
  • AFC Bournemouth v Everton
  • Fulham v Burnley
  • Huddersfield Town v Cardiff City
  • Liverpool v Brighton & Hove Albion
  • Manchester United v Tottenham Hotspur
  • Newcastle United v Chelsea
  • Southampton v Leicester City
  • Watford v Crystal Palace
  • Wolverhampton Wanderers v Manchester City