Ingene isoko ry'abakinyi ryifashe ku mugabane wa Buraya ku wa gatatu 20,06.2018

Maurizio Sarri Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Maurizio Sarri

Ingene isoko ry'abakinyi ryifashe ku mugabane wa Buraya ku wa gatatu 20,06.2018

Uwujejwe kuronderera isoko Maurizio Sarri yashite i Londres ari kumwe n'uwo yahoze ari umumenyereza wa Naples w'imyaka 59 vyitezwe ko ashobora gusubirira Antonio Conte mu mugwi wa Chelsea. (Sky Sports)

Umugwi wa Crystal Palace bashaka kwongerereza umushahara Wilfried Zaha w'imiliyoni 120 ku ndwi kugira uwo munye Cote d'Ivoire w'imyaka 25 ntaje mu mugwi wa Tottenham imurondera cane. (Mirror)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wilfried Zaha

Vyitezwe ko umugwi wa Huddersfield utanga Southampton na Lyon kugirana amasezerano n'umukinyi w'imbere w'umubiligi akina hagati Anthony Limbombe w'imyaka 23, akaba yahora akina mu mugwi wa Brugge. (Sun)

West Brom banse amahera bahawe n Burnley ku mukinyi Jay Rodriguez, uwo mukinyi rero w'imyaka 28 bikaba vyitezwe ko asubira mu mugwi wiwe yahora akinamwo. (Mail)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Moussa Konate

West Ham na Burnley bariko barahiganwa kugura umukinyi Moussa Konate w'imyaka 25 akina mu mugwi wa Amiens mu gihugu c'Ubufaransa ku miliyoni 8 z'amapawundi. (Sun)

Southampton biteguriye kugura umukinyi wo hagati wa Red Bull Salzburg, umunye Mali Amadou Haidara w'imyaka 20. (Mirror)

West Ham iripfuza gutanga imiliyoni 35 z'amapawundi ku mu kinyi wa Lazio wo muri Brezil Felipe Anderson w'imyaka 25. (Mail)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Andrej Kramaric

Tottenham iriko irarondera umukinyi wo hagati wa Lyon, umufaransa Tanguy Ndombele, ariko ntibaravugana n'uwo mugwo uri mw'ihiganwa ryo mu Bufaransa. (Sky Sports)

Marseille iripfuza umukinyi wa Everton w'imyaka 29, umufaransa Morgan Schneiderlin, bamaze kubwira ko ashobora gukura meza muri uwo mugwi, (France Football via Tribal Football)

Nta nkeka ko Newcastle bategerezwa guhayanwa na Bayern Munich kugura umukinyi wo hagati wa Hoffenheim co muri Croatia Andrej Kramaric w'imyaka 27. (TZ via Talksport)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Javier Pastore

Ibiganiro ku mukinyi wa Paris St-Germain biracabandanya n'imigwi wa Roma na West Ham yose yipfuza umukinyi wa Argentine Javier Pastore w'imyaka 28.(ESPN)

Umukinyi wa Wolves, umunye Portugal Ivan Cavaleiro w'imyaka 24, nta ntumbero afise yo kuva muri Molineux n'aho hari urukurukuru rwavuga ko ashaka kuvayo. (Birmingham Mail)

Ibindi bisa n’ibi