Jonas Knudsen: Abakinyi ba Danmark bakoteshereje indege umukinyi w'inyuma wabo kugira aje kuraba umwana yibarutse

Jonas Knudsen Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jonas Knudsen amaze gukinira umugwi nserukiragihugu wa Danmark incuro zitatu

Abakinyi ba Danmark bakotesheje indege kugira umukinyi w'inyuma Jonas Knudsen asubire muri ico gihugu ashobore kubona akana k'agakobwa yibarutse inyuma yo gutsinda Peru mu gikombe c'isi.

Umupfasoni w'uwo mukinyi w'imyaka 25 Trine yibarutse umwigeme indwi nyinshi imbere y'umwanya wari utegekanijwe, inyuma yo gushika mu Burusiya mu gikombe c'isi.

"Twashatse gukora igikowa co gufasha umuntu nkatwe," ni ko umunyegoli Kasper Schmeichel yavuze.

"Hari abavyeyi benshi muri uyu mugwi. Utegerezwa kwibuka ko turi ibiremwa muntu imbere yo kuba abakinyi b'umupira w'amaguru."

Yongeyeko ko:"Nk'umuvyeyi nanje, ndumva ububabare Jonas yari kugira aronse ubwo butumwa ariko ntashobore kujayo.

"Dushaka kugira ico ari co cose kugira aje kuraba umukobwa wiwe."

Danmark yatsinze Peru igitego 1-0 mu mugwi C ku musi wa gatandatu.

Uwo mukinyi w'inyuma mu ruhande rw'ibubamfu wa Ipswich, Knudsen yagarutse mu mugwi ku wa mbere.

Danmark iza gukina na Australia i Samara kuri uyu wa kane isaha 14:00 kw'isaha yo mu Rwanda no mu Burundi. (13:00 GMT)

Uwufise ububasha kw’isanamu Jonas Knudsen/Instagram
Image caption Knudesn yashize ifoto y'umupfasoni wiwe Trine kuri Instagram afashe umupira w'umwana usa n'iyo abakinyi ba Danmark bambara mu gikombe c'isi