Portugal na Espagne ni bo bagiye kubandanya ihiganwa mu mugwi B

Ricardo Quaresma scores

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ricardo Quaresma ni we yinjije igitego ca Portugal

Portugal igiye kubandanya ihiganwa inyuma y'urukino rwabayemwo impari nyinshi bagiye barifashisha video banganijemwo na Iran igitego 1-1.

Christiano Ronaldo yahushije penalite ya Portugal aranahabwa ikarata y'umuhondo kw'ikosa ryemejwe hifashishijwe video (VAR), aho mbere bamwe bavuga ko yari akwiye ikarata itukura.

Iran na yo yaronse penalite yemejwe hifashishijwe VAR iranayitsinda, ikaba yanahatswe gutsinda igitego mu minota y'inyongera aho yaca itsinda Portugal bikanatuma ica iba iya mbere mu mugwi B.

Mu rundi rukino rwo mu mugwi B, Espagne na Maroc banganije ibitego 2-2.

Ubu rero Portugal na Espagne ni yo migwi igiye kubandanya ihiganwa mu mugwi B.

Iran na Maroc basezeye ihiganwa ry'igikombe c'isi muri uwo mugwi.