Umunyegoli wa Misri yasavye imbabazi z'uko ico gihugu catsinzwe

Essam El Hadary

Ahavuye isanamu, Reuters

Umunyegoli wa Misri Essam El Hadary yaciye umuhigo wo kuba umukinyi akuze cane agiye mu nkino z'igikombe c'isi yasavye imbabazi inyuma y'aho ico gihugu gitsindiwe kandi muri izo nkino.

El Hadary yakuyemwo penalite ariko nticabujije ko Misri itsindwa ibitego 2-1 na Arabia Saudite yari yatsinzwe ibitego 5-0 n'Uburusiya mu rukino rwa mbere rw'igikombe c'isi.

El Hadary yakuyemwo umupira ukomeye wa Fahad Al Muwallad mu gice ca mbere ariko Salem Al Dawsari yinjije Arabia Saudite igitego mu mpera z'urukino ku musi wa mbere.

Uwo munyegoli afise imyaka 45 n'imisi 161 akaba ari we mukinyi wa mbere akuze cane akinye mu gikombe c'isi.

El Hadary yavuze ati: "Ndabasavye imbabazi abantu bo mu Misri kw'izina ryanje no kw'izina rya bagenzi banje, inyuma yo gutsindwa ubugira gatatu."

"Ndishimiye ivyo nashoboye gukora kandi n'ivyo agaciro ku gihugu ca Misri.

"Twaragerageje ariko nta mahirwe twagize - iri ni ikosa."

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Muri urwo rukino rwa nyuma rwa Misri mu gikombe c'isi, aho bari bagiye muri iryo higanwa ubwa mbere mu myaka 28, Misri ni yo yatanguye kwinjiza igitego catewe n'umukinyi rurangiranwa wa Liverpool Mohamed Salah w'imyaka 26.

Ariko Salman Al Faraj yaciye atsindira Arabia Saoudite penalite hasigaye umwanya muto ngo baje kuruhuka inyuma y'aho El Hadary akuriyemwo umupira utewe na Al Muwallad.

Al Dawsari ni we yahaye intsinzi Arabia Saudite imbere y'amasegunda make ngo urukino rurangire, ikaba yabaye intsinzi ya mbere baronse mu gikombe c'isi kuva mu 1994.

Umumenyereza wa Misri Hector Cuper yavuze ko yizeye ko "umuntu wese mu Misri anezerejwe" nuko El Hadary aciye umuhigo w'umunyegoli wa Colombia Faryd Mondragon, yari afise imyaka 43 n'imisi itatu aho yakina mu gikombe c'isi co mu 2014.

Cuper yavuze ati: "Nta butandukane buhari bugaragara hagati y'abanyegoli bacu batatu ariko vyari bikwiye ko akina uyu musi."

Yaniyamirije n'ibivugwa ko Mo Salah ashaka gukura akarenge mu mugwi nserukiragihugu kubera ko yakoreshejwe cane mu kumenyekanisha uwo mugwi.

Uwo mumenyereza yavuze ati: "Sinibaza ko harimwo ukuri ngaho. Aranezerezwa cane n'akaryo kose aronse ko gukinira igihugu ciwe."

Misri yarangije ihiganwa bari mu kibanza ca nyuma mu mugwi A inyuma yo kunanirwa no kuronka n'inota rimwe.

Batsinzwe n'Uburusiya, Uruguay hamwe na Arabia Saudite.