Ububiligi buzohura n'Ubufaransa mu gice ca kabiri c'ihiganwa ry'isi 2018

Abakinyi b'Ububiligi bigina intsinzi ibashikanye mu gice c'imigwi ine ya nyuma Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Abakinyi b'Ububiligi bigina intsinzi ibashikanye mu gice c'imigwi ine ya nyuma

Inyuma yaho Ububiligi bwikuriye igihugu ca Brésil kimaze gutwara iryo higanwa incuro zitanu kuri 2-1, bugiye guhura n'Ubufaransa mu gice ca kabiri, inyuma yo gutsinda Urugway 2-0.

Igihugu c'Ububiligi caheruka gushika mu gice ca kabiri c'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu 1986.

Igitsindo ca mbere c'Ububiligi cinjiye ku munota wa 13 giterewe mu mfuruka z'ikibuga, cinjira giciye ku rutugu rw'umukinyi wa Brésil, Fernandinho.

Ku munota wa 31, umukinyi DeBruyne yarongeyeko ica kabiri kw'ipasi ahawe na Lukaku.

Igice ca mbere carangiye ku ntsinzi y'Ububiligi ya 2-0, umugwi wa Brésil bikaba vyibonekeje ko warushijwe muri ico gice cose.

Image caption Igitsindo Brésil yatahukanye cinjijwe na Augusto ku munota wa 76

Warihagazeko mu gice ca kabiri, uraronka igitsindo ku munota wa 76, cinjijwe na Renato Augusto.

Imbere y'urwo rukino umugwi w'Ubufaransa wari watanye mu mitwe n'umugwi wa Urugway wakuyemwo vyoroshe ku bitsindo 2-0.

Ico gihugu giheruka gutwara igikombe mu 1998 cinjirijwe n'abakinyi Raphael Varane ku munota wa 40 kw'ipasi ya Griezmann, munyuma uno nawe ariyinjiriza igitsindo ku munota wa 63 mu gice ca kabiri.

Image caption Ubufaransa buzohura n'Ububiligi mu rukino rw'igice ca kabiri ku munsi wa kabiri

Ibihugu vy'Ubufaransa n'Ububiligi vyaraye bironse itike yo kwinjira mu gice ca kabiri (demi-finale), bizohura ku munsi wa kabiri ku kibuga ca St Petersburg. , 7pm (Match 61) biri mu bivugwa ko bishobora kuvamwo umugwi utsinda igikombe co mu 2018.