Croatia izohura n'Ubwongereza mu gice ca kabiri

Umumenyereza w'Ubwongereza Gareth Southgate avuga ko bitangaje kubona bashika mu gice ca kabiri
Image caption Umumenyereza w'Ubwongereza Gareth Southgate avuga ko bitangaje kubona bashika mu gice ca kabiri

Umugwi wa Croatia wikuye umugwi w'igihugu c'Uburusiya cakiriye ihiganwa ku ma penaliti 4-3, ugiye kuzohura n'Ubwongereza bwatsinze Suede bubona kwinjira mu gice ca kabiri kuva mu 1990.

Umumenyereza w'Ubwongereza yavuze ko bitangaje kuba barashitse kuri iyo ntambwe.

"Nizeye ko uwariwe wese aryohewe muri rino joro kuko si kenshi bino bishika," niko Southgate yabwiye BBC.

Ibitsindo vyashikanye ico gihugu muri ico gice gishira icanyuma vyinjijwe na Harry Maguire hamwe na Dele Alli.

Uwo mugwi ugiye kuzohura n'umugwi wa Croatia ku munsi wa gatatu, iyo migwi ukwo ari ibiri ikaba izokina urukino rwa kabiri rwa demi-finale mu gihe urwa mbere ruzoba rwahuje Ubufaransa n'Ububiligi ku munsi wa kabiri.

Image caption Croatia yatsinze Uburusiya 4-3 ku ma penaliti

Urukino rwa Croatia n'Uburusiya rwarangiye ku bitsindo 2-2 mu gihe categekanijwe c'iminota 90, imbere yuko bakina iyindi minota 30.

Iyo migwi yaruhiye kuja mu ma penaliti, umugwi wa Croatia utsinda Uburusiya 4-3.