Ububiligi vs Ubufaransa: "urukino hagati y'abagenzi"

Umukinyi Mbappe w'Ubufaransa ari mu "ruvyaro rusha" rukora amaroregwa mu mupira w'amaguru
Image caption Umukinyi Mbappe w'Ubufaransa ari mu "ruvyaro rusha" rukora amaroregwa mu mupira w'amaguru

Urukino rwa "demi-finale" rurindiranywe igishika ruhuza Ubufaransa bwatwaye igikombe mu 1998 n'igihugu kibanyi c'Ububiligi, rufatwa nk'"urukino rw'abagenzi".

Iyo migwi yose yitwaye neza mu nkino yaherukamwo, ariko umugwi umwe niwo ushobora gushika mu rukino rwa nyuma ku munsi wa Mungi i Moscou.

Uwutsinda azohura n'umugwi umwe hagati ya Croatia n'Ubwongereza, iyo migwi ikaba itegekanya guhura ku munsi wa gatatu. None yoba ari nde abandanya?

BBC Sport igerageza kuraba ingwano igiye kuba hagati y'iyo migwi, haba ku kibuga canke inyuma y'ikibuga.

Uburyo bwo gukina butandukanye.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Sport
Image caption Ku nkino Ubufaransa bwahuyemwo n'Ububiligi, bumaze gutsinda incuro 24, mu gihe Ububiligi bumaze gutsinda incuro 30

Abakinyi nka Romelu Lukaku, Eden Hazard, Kevin de Bruyne, Antoine Griezmann, Kylian Mbappe na Paul Pogba, ni abasatirizi bakomeye cane kw'isi.

Ariko abamenyereza babo babakoresha mu buryo bo bipfuza.

Umumenyereza w'Ubufaransa Didier Deschamps - yipfuza kwigana Mario Zagallo na Franz Beckenbauer mu gutwara igikombe c'isi yose ka mukinyi n'umumenyereza - yaridogewe ku kuba ata kintu gifadika arashikako we n'umugwi wiwe.

Ugukina bashize hamwe kurusha urukino rw'umwumwe, ni vyo vyakoze mu Burusiya. Barondeye igitsindo co mu minota ya nyuma mu rukino rwa mbere bahura na Australia, batsinda Pérou 1-0 mu rukino rwa kabiri, banganya na Danemark.

Ubufaransa bwaratangaje abantu mu gutsinda Argentine Argentina 4-3 mu gice c'imigwi 16 ya nyuma, ariko urwo rukino rwuguruye si bwo buryo bwa Deschamps.

"Ni waba urondera gutsinda 5-0, ntiwirigwe uraja mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi, ntavyo uzoshikako," niko yavuze.

Mu gihe Deschamps atagiye avugwa neza mu binyamakuru, akazi ka Martinez nk'umumenyereza w'Ububiligi ko kagenze neza cane.

Inyuma yaho agenewe yirukanywe n'umugwi Everton, yarerekanye ko hari ikintu kinini gihindutse.

Ntarigera atsindwa ari umumenyereza w'Ububiligi, amaze gutsinda incuro 19, anganya 5, atsinda umugwi ukomeye wa Brésil 2-1 mu gice ca kane.

Avuga inyuma y'urwo rukino, uwahora arongoye umugwi w'Ubwongereza Alan Shearer yagize ati: "Ikibazo kinini ku mugwi w'Ububiligi ni kuraba ko "ari umugwi w'abakinyi canke ko bashobora kuja hamwe nk'umugwi?"

Igihe cuko "uruvyaro rushasha" rw'abakinyi rwerekana ico ruzi

Ubwongereza burazi icarico kugira "uruvyaro rushasha" rw'abakinyi naho ataco bwabushikanyeko.

Ububiligi bwo buri mu nzira yo gutsindira agashimwe gakomeye kurusha utundi.

Aba "Diables Rouges" batsinze inkino zose zo mu majonjora, munyuma batsinda umugwi w'Ubuyapani wari wabatsinze 2-0, baca binjira mu gice ca kane aho bikuye umugwi watwaye igikombe incuro zitanu.

"Ivyo vyavuye ku mumenyereza wabo. Hari ubudasa bunini uravye aho bageze ubu n'aho bari bari mu myaka ibiri irangiye."

Image caption Ububiligi bwatsinze Brésil 2-1 mu rukino De Bruyne yagizemwo uruhara runini

Bakuwe mw'ihiganwa bageze mu gice ca kane mu gikombe c'isi co mu 2014 hamwe no mu gikombe ca Buraya mu 2016, umwanya ngo woba ubajanye hatagize ico bashitseko kino gihe.

"Birakenewe ko abantu bategera ko Ububiligi bufise abantu imiliyoni 11 hanyuma runo ruvyaro rushasha ntirwabonetse giturumbuka," niko Martinez avuga.

"Hari ukuntu urukino rw'umupira w'amaguru rutunganijwe mu gihugu c'Ububiligi. Ni igihugu gishinga ijisho urwaruka rufise impano."

'Urukino ruhuza abagenzi'

Runo rukino ruzoba rubaye urwa mbere ruhuje ibihugu bibanyi kuva mu 1986, igihe Ubudagi butana mu mitwe n'Ubufaransa.

Ikinyamakuru "Le Soir" cavuze ko runo rukino ari "urukino hagati y'abagenzi".

Mu kigwati ca Warneton kiri ku rubibe, abanyagihugu ntibiborohera guhitamwo umugwi boshigikira.

"Nibaza ko dushigikira Ubufaransa ariko kandi n'Ububiligi buhoro buhoro kuko ni abagenzi," niko umwe mu baba muri ako gace yabwiye France3.

Ibihangange bigiye guhangana

Antoine Griezmann v Romelu Lukaku

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Antoine Griezmann (i bubamfu) na Romelu Lukaku nibo imigwi igenderako mu busatirizi

Umukinyi Griezmann aramaze kwerekana ko akomeye mu mugwi w'Ubufaransa.

Uwo mukinyi w'imbere ari no mu mugwi wa Atletico Madrid yinjije ibitsindo indwi mu nkino zitandatu, agiye gusatira urugo rw'umugwi w'Ububiligi.

Ku rundi ruhande umukinyi w'imbere w'Ububiligi Lukaku yinjije ibitsindo 17 mu nkino 13, afasha no mu bindi bitsindo bitatu.

Kylian Mbappe v Eden Hazard

Umusore Mbappe yariyerekanye mu rukino Ubufaransa bwatanye mu mitwe na Argentine, aho ari we yafashije gushika ku ntsinzi ya 4-3.

Imbere yaho uwo mukinyi wo muri Paris St-Germain w'imyaka 19 yinjije igitsindo bakina na Pérou, aba abaye umukinyi wa mbere w'Umufaransa atsinze mw'ihiganwa rikomeye nka mweniryo.

Ku rundi ruhande umukuru w'umugwi w'Ububiligi Hazard, amaze kwinjiza ibitsindo bibiri afasha no ku bindi bibiri.

Abo bakinyi babiri Mbappe na Hazard bazwi cane ku macenga yabo hamwe no kwiruka n'umupira.

Paul Pogba v Kevin de Bruyne

Aba bakinyi babiri nibo baza kugwana mu kibuga hagati, uwurusha uwundi ashobora gutuma umugwi arimwo ubandanya muri "finale".

Ibindi bisa n’ibi