Cristiano Ronaldo agiye gukina muri Juventus

Cristiano Ronaldo aguzwe na Juventus imiliyoni 112 euros
Image caption Cristiano Ronaldo aguzwe na Juventus imiliyoni 112 euros

Umukinyi w'imbere wa Real Madrid Cristiano Ronaldo yaguzwe n'umugwi Juventus, aba abaye umwe mu bakinyi ba mbere bazimvye cane.

Mu masezerano yatumye yimuka yatwaye imiliyoni 112 z'ama euros (imiliyoni £99.2), yapfunditswe n'iyo migwi ibiri, uwo mugabo aturuka muri Portugal agiye gukina imyaka ine muri uwo mugwi watwaye igikombe mu Butaliyano.

Ronaldo ageze ku myaka 33, yatsinze amahiganwa ane ya Champions League mu myaka icenda amaze mu mugwi Real.

"Igihe cageze ngo nkore iyindi ntambwe y'ubuzima, nico gituma nasavye umugwi ngo wemere untange," niko yavuze.

Abakinyi babiri ba mbere bazimvye baguzwe na Paris St-Germain - imiliyoni £200 zatanzwe ku mukinyi w'imbere yari avuye muri Barcelona, umunya Brésil Neymar mu kwezi kw'umunani kurangiye; hamwe n'imiliyoni £166 zatanzwe ku mukinyi w'Ubufaransa w'imbere Kylian Mbappe mu kwezi kw'indwi.

Barcelone nayo yarishe umugwi Liverpool imiliyoni £142 ku mukinyi wo hagati aturuka mu gihugu ca Brésil, Philippe Coutinho mu kwezi kwa mbere.

Juventus izohura na Real Madrid mu rukino rwa kivandimwe muri Amerika, ku kibuga ca FedEx Field i Washington ku munsi wa gatandatu, itariki 4 ukwezi kw'umunani.

'Real Madrid yarantwaye umutima' - niko Ronaldo avuga mw'ikete yandikiye abakunzi.

"Ino myaka maze muri Real Madrid, no muri kino gisagara ca Madrid, nibaza ko ariyo myaka ya mbere myiza mu buzima bwanje.

Numva nkwiye gushimira uno mugwi, ku bakunzi bawo no kuri kino gisagara. Ndashimiye bose ku rukundo banyeretse.

Naho biri uko, nibaza ko igihe cageze ngo ntere iyindi ntambwe y'ubuzima ari naco gituma nasavye umugwi ngo wemere undungike.

Ukwo ni kwo ndavyiyumvamwo kandi ndabasavye mwese na cane cane abakunzi kuntegera."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Cristiano Ronaldo yinjije ibitsindo bibiri mu rukino batsinzemwo Juventus 4-1 mu 2017 muri "finale" ya Champions League i Cardiff

Ingene Ronaldo yitwaye mu nkino mu bitigiri

  • Ronaldo yinjije ibitsindo 450 akinira Real Madrid mu nkino 438.
  • Ronaldo yinjije ibitsindo 17 mw'ihiganwa Champions League ryo mu 2013-14.
  • Ibitsindo 105 nivyo Ronaldo yinjirije umugwi mu mahiganwa yose ya Champions League.
  • Ibitsindo 311 nivyo Ronaldo yinjije mu mahiganwa yose ya La Liga.
  • Ronaldo yafashije umugwi gutwara ibikombe 16 - harimwo 2 vyo muri La Liga, 4 vyo muri Champions Leagues, 3 vyo muri Club World Cups na 3 vyo muri European Super Cups.
  • Ronaldo yinjije ibitsindo 3 mu rukino rumwe incuro 44.
  • Ronaldo yinjije ibitsindo 4 canke birenga mu rukino rumwe incuro 8.
  • Mu buzima bwiwe nk'uwagize umupira w'amaguru umwuga, Ronaldo yinjije ibitsindo 659 - harimwo 5 muri Sporting Lisbon, 118 muri Manchester United, 451 muri Real Madrid na 85 muri Portugal.