CAF yahagaritse umuhagarikizi w'umunye Kenya ubuzima bwiwe bwose

Marwa, yari yatowe kuja guhagarikira inkino mu Burusiya, yaciye akurwa ku rutonde Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Marwa, yari yatowe kuja guhagarikira inkino mu Burusiya, yaciye akurwa ku rutonde

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika CAF ryahagaritse umuhagarikizi w'umunye Kenya, Aden Marwa, mu bikorea vyose vy'umupira w'amaguru ubuzima bwiwe bwose.

Bamuciriye urwo rubanza inyuma y'aho uwo muhagarikizi afatiwe video n'umumenyeshamakuru yiyoberanije, Anas Aremayaw Anas, yemera amaher imbere y'uko hatangura inkino z'igikombe c'isi mu Burusiya.

Marwa, yari yatowe kuja guhagarikira inkino mu Burusiya, yaciye akurwa ku rutonde azize ayo matohoza y'uwo mumenyeshamakuru.

Marwa arahakana ko ata kosa yakoze mu kwishura ku caha c'igiturire yagirizwa.

CAF yamenyesheje urutonde rw'ivyo bihano inyuma y'inama yayo ijejwe inyifato n'akarangamutima.

Mw'itangazo rigufi, CAF ivuga ko abahagarikizi 22 ari bo bahanywe n'urwego rw'iryo shirahamwe ry'umupira w'amaguru harimwo umunye Togo Yanissou Bebou n'umunye Gambia Jallow Ebrima bahagaritswe imyaka cumi cumi umwe umwe.

Umuhagarikizi wo muri Cote d'Ivoire, Denis Dembele, ashirwa mu majwi cane bu giturire kivugwa mu mugwi nserukiragihugu no mu migwi yindi, yahanishijwe guhagarikwa imyaka itanu.

Abandi bahagarikizi 11 - 10 bo muri Ghana n'umwe wo muri Nigeria - na bo babaye barahagarikwa mu kurindira ko urwego rujejwe inyifato n'akarangamutima rwa CAF rubafatira ingingo itariki 5 z'ukwezi kw'umunani.

Mu kwezi guheze, uwahoze arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Ghana Kwesi Nyantakyi yaratanze imihoho nk'icegera ca mbere 'umukuru wa CAF yagirijwe igiturire.

Ibindi bisa n’ibi