Igikombe c'isi 2018: Menya Samuel Umtiti yashikanye Ubufaransa mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi ni nde

Samuel Umtiti Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ubufaransa buzohura n'uwuza gutsinda hagati ya Croatia n'Ubwongereza mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi mu Burusiya, inyuma yo kwirahira Ububiligi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gisagara ca St Petersburg igitego 1-0.

Urukino rwa nyuma ruzoba ku musi w'Imana ku kibuga ca Lizhiniki mu gisagara ca Moscou isaha zibiri z'ijoro m Rwanda no mu Burundi.

Ububiligi busigaje urukino rumwe rwo guharanira ikibanza ca gatatu, urukino ruzoba ku musi wa gatandatu.

Igitsindo kimwe rukumbi cabonetse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma catsinzwe na Samuel Umtiti akoresheje umutwe kuri korone itewe na Antoine Griezmann.

Uwo mukinyi ashikanye Ubufaransa mu rukino rwa nyuma ni nde?

Samuel Yves Umtiti akinira umugwi wa Barcelone wo mu gihugu ca Espagne.

Ni umukinyi w'imyaka 24 yavutse itariki 14 z'ukwezi kwa cumi na rimwe mu 1993 mu gisagara ca Yaounde muri Cameroun. Nyina wiwe ni Annie Ngo Um ariko se wiwe ntawuzi uwo ari we. Afise mwenewabo yitwa Yannick Umtiti.

Mu bisanzwe akina hagati.

Ni umukinyi muremure afise imetero 1.83, ikintu gishobora kuba caramufashije mu gutsinda ico gitego n'umutwe Ububiligi aho yariko aragwanira umupira n'uwundi mukinyi muremure azwi cane mu gutera imitwe Marouane Fellaini.

Kubera yavukiye mu gihugu ca Cameroun, yari gushobora gukinira umugwi nserukiragihugu wa Cameroun kuko afise ubwenegihugu bubiri, Cameroun n'Ubufaransa.

Utwigoro tw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Cameroun hamwe n'umukinyi wabo rurangiranwa Roger Milla two kumusaba ngo akinire ico gihugu nta co twashitseko.

Yavukiye mu buzima bubi cane, akaba ari atanguye kumenyera ubuzima bw'i Yaounde aho umuryango yabamwo wimukira mu Bufaransa mu gisagara ca Lyon. Kubera ubukene, nyina wiwe yari yamuhaye abagenzi biwe ngo bamurere akiri muto. Hari mbere n'amakega ko yoba yazananye n'umuryango wari umureze canke ko bazananye na nyina wiwe ubwa mbere mu Bufaransa.

Inyuma yo kuba amaezi menshi i Villeurbanne, aho yarezwe n'umuryango w'abiukira bo muri Cameroun, mu nyuma bimukiye i Menival.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Samuel Umtiti na Olivier Giroud

Aho yimukira mu Bufaransa mu 1995, nta mwanya wari uhaciye Roger Milla abiciye bigacika akinira Cameroun, ibintu vyatumye abimukira benshi bo muri Cameroun bari mu Bufaransa bakunda umupira cane. Ico gihe abakinyi rurangiranwa nka Paul Pogba, Raphael Varane na Romelu Lukaku bari bakiri bato.

Umtiti yatanguye kwerekana ko afise ubumenyi budasanzwe mu gukina umupira afise imyaka itanu, aho bivye ku masezerano y'ishure yigako na nyina wiwe yemerewe kubandanya akina umupira.

Mu nzira, hagati y'ishure yigako no ku muhana iwabo hari ikibuga c'umupira ca Menival FC, akaba ariho yatanguriye gukina umupira.

Uwari arongoye uwo mugwi ico gihe Said Intidam aramwibuka:" Yari afise imyaka itanu gusa ariko yashobora gukina mu bafise imyaka 11 ku mpande zose ata ngorane."

Uwurongoye uwo mugwi ubu, Judi Bouzama avuga ko ubudasa n'abandi bakinyi bugaragara.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Ku mbuga ngurukanabumenyi ya SportEnglish yavuze "Nta mukinyi n'umwe wo muri Menival yigeze akinira imigwi ikomeye nka Olympique Lyonnais canke St-Etienne."

Yatanguye kuja kwiga gukina umupira muri Lyon afise imyaka icenda mu 2001, aca agaragara nk'umwe mu bakinyi bakomeye batangura mu kibuga.

Inyuma y'imyaka 11 mw'ishure ryigisha umupira w'amaguru rya Lyon, yakiniye umugwi w'abakuze ubwa mbere mu kwezi kwa mbere mu 2012 aca arabandanya gushika mu mwaka wa 2015-2016, aho yatwe n'abakunzi b'uwo mugwi nk'umukinyi mwiza aciyeko Alexandre Lacazette ubu akinira umugwi wa Arsenal.

Yari amaze gukina inkino 170, atsinda ibitego bitanu anafasha gutsinda ibindi bitego bibiri.

N'umukinyi mwiza w'inyuma yashimwe n'umugwi wa Barcelone wamuguze imiliyoni 25 z;'ama Euro mu kwezi kw'indwi mu 2016 avuye mu mugwi wa Olympique Lyonnais wo mu Bufaransa aho yari umukinyi kiremesha.

Umtiti yarondewe na Barcelone kugira aje gukomeza inyuma no gusubra mu kibanza cari kivuyemwo umukinyi rurangiranwa Carles Puyol, inyua y'aho Jeremy Mathieu na Thomas Vermaelen babonekeye ko badashoboye kumusubirira bikwiye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakunzi b'umugwi w'Ubufaransa bariko barigina intsinzi mu mabarabara Paris

Yakiniye Barcelone ubwa mbereitariki 17 mu kwezi kw'umunani mu 2016 mu rukino rw'ikombe ca Super Cup muri Espagne aho batsinze ibitego 3-0 bwa Seville.

Yabatsindiye igitego ca mbere itariki 4 z'ukwei kwa gatatu m,u 2017 bariko barakina na Celta de Vigo.

Uko imisi igenda, yagiye yumvikana cane na Gerard Pique hamwe na Jordi Alba inyuma kandi yari mu mugwi wakinye na Paris Saint Germain mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya mu 2017, aho mu rukino rwa mbere batsinzwe ibitego 4-0, mu rukino rwo gusubiza batsinda 6-1.

Yaratsindiye igikombe c'umwami mu 2016-2017 ari kumwe n'abakinyi nka Lionel Messi, Neymar, Lui Suarez mu mugwi wa Barcelone.

Gukinira umugwi nserukiragihugu

Umtiti yahamagawe gukinira umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa muri Euro 2016 aho Ubufaransa bwatunganya izo nkino, ahamagawe na Didier Deschampas inyuma y'aho Jeremy Mathieu avunikiye.

Yakiniye uwo mugwi ubwa mbere mu gice ca kane gishira ica nyuma bahura na Islande inyuma y'aho uwundi mukinyi w'inyuma Adil Rami ahanishijwe kudakina urukino rumwe.

Ugukina neza kwiwe kwatumye aza aratangura mu kibuga anakina n'izindi nkino zose zari zisigaye. Yarakinye urukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma bahura n'Ubudagi no mu rukino rwa nyuma batsinzwemwo na Portugal.

Yabaye umukinyi wa mbere wo hagati mu kibuga inyuma ya Gabriel De Michele mu gikombe c'isi ca 1966 yakinishijwe ubwa mbere mu muwi w'igihugu mu nkino zikomeye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umtiti yagiye muri Barcelona mu mwaka wa 2016

Yinjirije Ubufaransa igitego ciwe ca mbere itariki 13 z'ukwezi kwa gatandatu mu 2017 mu kunganya n'Ubwongereza mu gisagara ca Paris mu rukino batsinzemwo ibitego 3-2.

Imbere y'uko aja mu mugwi nserukiragihugu, yarakinye mu migwi nserukiragihugu y'abakiri bato incuro 47 aranatsinda ibitego bitatu.

Avuga iki kuri Cameroun?

Ntahakana ubucuti bafitaniye n'ico gihugu co muri Afrika.

Mu kiganiro na FranceFootball, yavuze ati:" Ndafise abagenzi i Yaounde kandi turacavugana kuri telefone, ariko nta vyinshi nibuka ku bijanye n'ubuzima bwanje mu myaka ibiri nabay muri Cameroun."

"Maze kuja gutemberayo incuro zibiri, ni ho namuka. Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'aho ryaransavye kubakinira incuro nyinshi, abahanuzi banje barahuye na Roger Milla abisavye, mu cubahiro. Barumvikanye uko jewe ndabibona, ariko nta kintu na kimwe cahindutse. Nari namaze gufata ingingo yo kubakinira.

"Kuva mu ntango, nashaka gukinira Ubufaransa. Sinzi nimba Cameroun barababajwe n'ingingo nafashe, ariko narafashe ingingo yanje kandi ni ngombwa ko bayubaha uko nyene, bavyanse canke bavyemera."

Uko akoresha imbuga ngurukanabumenyi.

Uwo mukinyi ntiyubatse ariko binuganugwa ko akundana na Alexandra Dualauroy wo muri Colombia.

Umtiti afise abantu benshi bamukunda ku mbuga ngurukanabumenyi cane cane kuri Instagram gushika ubu afise abamukurikirana bashika ku miliyoni 4.1.

Akunda cane ibikoko akaba afise imbwa yitwa Osito akunda gushira amafoto yayo kuri Instagram.