Croatia 2-1 Ubwongereza: Abakunzi ba Croatia mu munezero wo gutsinda Ubwongereza, i Londres na bo bari mu mubabaro

Croatia's supporters celebrate a goal as they watch Croatia -V-England at the main square in Zagreb Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abakunzi ba Croatia bariko barigina intsinzi i Zagreb

Abakunzi ba Croatia biginye intsinzi gushika buce inyuma y'aho igihugu cabo gitsindiye Ubwongereza mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe c'isi mu Burusiya, bakaba bashitse mu gice ca nyuma ku ncuro ya mbere.

Croatia yatsinze ibitego 2-1 inyuma y'aho umwanya wategekanijwe w'urukino urangiriye banganya igitego 1-1.

Abakunzi b'umugwi wa Croatia baciye binjira mu kibuga kiri hagati ku mugwa mukuru w'ico gihugu ca Zagreb baririmba bashira n'ibendera y'ico gihugu hejuru. Bamwe baciye basimbira mu mazi ari mu nkengera y'ico kibuga.

Ubwongereza bwatsinze vy'agashinyaguro Panama 6-1

Igikombe cy'isi cya 2018: Ubwongereza bwatsinze Tuniziya 2 kuri 1

Igikombe cy'isi cya 2018: Umutoza Gareth Southgate aravuga ko Ubwongereza buri mu itsinda rikomeye

Ingene ibitego vyinjiye

Kieran Trippier Ku munota wa 5 Croatia 0-1 Ubwongereza

Ivan Perisic ku munota wa 68 Croatia 1-1 Ubwongereza

Mario Mandzukic ku munota wa 109 Croatia 2-1 Ubwongereza

Croatia n'igihugu c'abantu imiliyoni zine kandi ni kimwe mu bihugu bifise abantu bake bimaze gushika mu gice ca nyuma c'igikombe c'isi.

Bazohura n'Ubufaransa ku kibuga ca Luzhniki mugisagara ca Moscou ku musi w'Imana mu rukino rwa nyuma isaha zibiri z'ijoro mu Rwanda no mu Burundi.

Mu gihe muri Croatia akamwemwe kari kose, abongereza bari mu gahinda n'umubabaro wuzuye amarira.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abakunzi ba Croatia bariko barigina intsinzi i Zagreb
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abakunzi ba Croatia baje ari benshi ku kibuga ca Zagreb
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakunzi ba Croatia bariko baratambira mu mazi mu kwigina intsinzi ku mugwa mukuru Zagreb.
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Prezida wa Croatia Kolinda Grabar Kitarovic (i bubamfu) yahaye umuhsikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May umupira ico gihugu cambara mu gihe babonanira mu nama ya Otan i Bruxelles mu Bubiligi.
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Umukinyi wo hagati wa Croatia Luka Modric (hagati) ari kumwe na Mario Mandzukic (i buryo) bariko biginza intsinzi ku kibuga ca Luzhiniki, i Moscou mu Burusiya
Image caption Uyu mukunzi wa Croatia yitwa Daniel yiginye intsinzi ariko aranywa inzoga yabwiye BBC ko "Iyi ntsinzi irahambaye cane" kuri ico gihugu gito

Uko vyari vyifashe mu Bwongereza:

Batanguranye icizere inyuma yo kwinjiza igitego mu minota ya mbere ariko mu nyuma baza gucika inkokora.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Icizere kiraheze: Abakunzi b'Ubwongereza bariko barahozanya mu kibanza ca Hyde Park mu gisagara ca Londres
Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umwana muto yari ashigikiye umugwi w'Ubwongereza Castlefield Bowl, Manchester

Mu kibanza ca Hyde Park, i Londres, abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bashika 30.000 ni bo baje kuraba urwo rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma, kandi mu Bwongereza abantu barakoranira hamwe mu kuraba inkino mu gisagara ca Londres kuva ku nkino za Euro 96.

Croatia yirukanye umukinyi wayo w'imbere mu gikombe c'isi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uyu mukunzi w'Ubwongereza yararengeje mu kwishima imbere y'uko urukino rutangura mu Burusiya
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwushigikiye Ubwongereza ariko yerekana umunezero afise imbere y'uwushigikiye Croatia imbere y'uko urukino rutangura mu Burusiya
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza i Hyde Park imbere y'uko urukino rutangura
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Mu gihe c'umwanya w'inyongera i Hyde Park
Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bariko bariyuha iryosozi i Manchester
Image caption I Manchester mu munezero inyuma y'aho Ubwongereza butsindiye igitego ca mbere
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza mu marira i Brighton Beach
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bambaye isura ya Harry i Brighton Beach
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukunzi w'Ubwongereza, Hyde Park
Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ingene abakunzi b'Ubwongereza bari mu munezero mu ntango Nottingham Castle
Image caption Lily Harkin w'imyaka umunani yari yanditse mu mugongo wa Cole Bryceland, i Nottingham icizere "Igikombe kirataha muhira" ariko mu nyuma vyagaragaye ko Ubwongereza buzotahuka butazanye igikombe
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imitima yari mu kirere i Millennium Square, Leeds
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Agahinda i Hyde Park