Hagati y'Ubufaransa na Croatia ni nde aza gutwara igikombe, ni nde aza gutwara igikombe c'isi ca 2018?

Ubufaransa buza kuba bwishimikije Mbappe mu gihe Croatia buzoba buhagaze ku mukinyi wabwo Modric Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Croatia iza gutana mu mitwe n'Ubufaransa ku kibuga ca Luzhiniki mu Burusiya kuri uyu w'Imana ishaka gutwara igikombe ku ncuro ya mbere, mu gihe abo baza kuba bahanganye Ubufaransa buzoba bushitse mu rukino rwa nyuma incuro ya gatatu.

Ubufaransa kandi bushaka gutwara ico gikombe ubugira kabiri inyuma y'ico bwari bwatwaye haraheze imyaka 20 mu gisagara ca Paris.

Umumenyereza w'Ubufaransa Didier Deschamps, na we ashobora kuba umuntu agira uwa gatatu gutwara igikombe c'isi nk'umukinyi n'umumenyereza.

Bitandukanye n'uwo bahanganye Zlatko Dalic yatanguye kumenyereza Croatia mu mezi icenda aheze, ubu akaba asigaje iminota 90 gusa mu kuba uwa mbere afashije ico gihugu gutwara igikombe c'isi ata n'umwe yamuha amahirwe.

Croatia: 'Gushira mu ngiro indoto'

Igihugu gifise abantu imiliyoni 4.17, bashobora kugaragara ko ari bake ariko igihugu kibamwo abantu bake gushika ubu kimaze gutwara igikombe c'isi ni Uruguay, batwaye ico gikombe mu 2930 gifise abantu imiliyoni 1.7.

N'aho mu kibanza ca mirongo ibiri ku rutonde rwa FIFA, uwo mugwi umenyerezwa na Dalic ni wo mugwi uri mu kibanza ca kure ushitse mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi.

Gushika mu rukino rwa nyuma n'ikintu gihambaye inyuma y'imyaka 20 batahukanye ikibanza ca gatatu inyuma yo gukurwamwo n'Ubufaransa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

N'aho batumye Ubwongereza buja mu gahinda inyuma yo kubatsinda, umugwa mukuru w'ico gihugu Zagreb wo wari wuzuye ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu mu mabarabara baririmba mu munezero bambaye impuzu ziranga uwo mugwi zifise irangi ryera n'iritukura.

Ikindi kandi, Croatia yikukiye mu 1991.

Ubufaransa: 'Kwibagira agahinda bwagize muri 2016'

Igihe Ubufaransa bwategura inkino za Euro 2016, bwaratsinzwe na Portugal imbere y'abakunzi babwo.

Igihugu n'abakunzi b'uwo mugwi nserukiragihugu ntibaribagira akababaro batewe n'uko gutsindwa.

Ubufaransa buguma bushaka gusubira kunezereza abakunzi babwo bwishimikje abakinyi bakomeye babo harimwo Kylian Mbappe, ubunyarutsi bwiwe butorohera abo bahuye.

Bitandukanye na Croatia, Ubufaransa ntiburindira umwanya w'inyongera, bwari bwamenyereye gutsinda abo bahuye mu minota yategekanijwe y'urukino.

Ni nde azotwara agashimwe k'umukinyi mwiza wa 2018?

Luka Modric ashaka gutwara uwundi mudali inyuma y'uwo inzahabu yaronkeye muri Real Madrid aho batwara igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu kwezi kwa gatanu

Mu ntango amaso yose yaraba ku bakinyi bazwi cane nk'umunye Portugal Cristiano Ronaldo hamwe n'umukinyi rurangiranwa wa Argentine Lionel Messi ariko bose bavuyemwo hakiri kare mu nkino zo gukuranamwo, babisa abandi bakinyi bashasha bazoza kumenyekana inyuma y'urukino rwa nyuma mu Burusiya.

Igitangaje n'uko ata mukinyi n'umwe w'umugwi watwaye igikombe c'isi amaze gutwara agashimwe k'umukinyi mwiza mu myaka 24. No mu gihe umugwi ukomeye utsinzwe, ntibibuza ko aronswa ako gashimwe.

Birashoboka ko ibintu bishobora guhinduka muri uyu mwaka kubera umukinyi wo hagati muri Croatia Luka Modric arashimwa cane n'abantu benshi baravye inkino zose yakiniye umugwi wiwe mu Burusiya.

Yarahawe agashimwe k'umukinyi mwiza ku nkino 3 kuri zitandatu bakinye harimwo urwo bamaramajemwo Argentine imbere ya Maradona.

Umukinyi w'imbere w'Ubufaransa Kylian Mbappe yaramenyekanye cane mu Burusiya kubera ubuhinga yerekanye mu rukino bahuyemwo na Argentine, aho yakoresheje ubuhinga bwinshi harimwo ubunyarutsi no gucenga vyatumye Ubufaransa buronka intsinzi.

Antoine Griezmann, na we ashobora kuronka ako gashimwe mu kibanza ca Mbappe.

Bose ko ari babiri, bakaba bakina mu kibanza kimwe, bafise ibitego bingana kandi bakeneye ibitego bitatu ngo babe abakinyi batsinze ibitego vyinshi gusumba abandi, umukinyi w'imbere w'ubwongereza Harry Kane afise ibitego bitandatu.

Umukinyi w'inyuma mwiza mu gikombe c'isi?

Umukinyi w'inyuma wa Croatia Dejan Lovren abandanya kuvyifatamwo neza ku buryo abarorerezi batamwumvikanako ariko ibiharuro biramwerekana ko akomeye.

Si umwaka mwiza kuri Henry kubera yari mu batsinzwe mu nkino zibiri aho Arsenal yatsinzwe na Barcelone mu gihe Ubufaransa na bwo bwatsinzwe n'Ubutaliyano kuri penalite.

Mu ntango y'uyu mwaka, Lovren yarinubwe n'umumenyereza wiwe Jurgen Klopp inyuma y'iminota 31, aho batsinda na Totthenham 4-1 ku kibuga ca Wembley, aho Harry Kane yagaragaye cane muri urwo rukino.

Ariko Lovron yarabasubirije mu ngata mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu kubuza Kane gutsinda bituma abantu bahindura uko bamubona ku bushobozi bwiwe.

Lovren yivuze ati:"Ni bintu bikomeye kuri jewe. Ku bwanje, abantu bavuga ko uyu mwaka vyangoye, ariko si ko ndabibona.

"Naravyerekanye mu gufasha Liverpool gushika mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo, n'ubu rero nafashije kugira dushike mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi.

"N'umwanya rero mwiza ko abantu babona ko ndi umuntu akomeye kw'isi."

Ibiharuro vyerekana iki??

Mu bakinyi bose b'inyuma bakinye mu Burusiya, Lovren w'imyaka 29 amaze gutwara umupira abo bariko barawugwanira mu kirere incuro 32, incuro zitanu inyuma y'umukinyi w'inyuma w'Ubwongereza Harry Maguire yayitwaye incuro 37.

Imbaba ku mukinyi Nikola Kalinic

Umukinyi w'imbere wa Croatia Nikola Kalinic amaze gutsinda ibitego 15 mu nkino 41 yakiniye igihugu ciwe.

Uwo mukinyi yahoze muri Blackburn ubu ari muri AC Milan, Kalinic yirukanywe mu mugwi wa Croatia inyuma yo kwanka gukina mu rukino batsinzemwo Nigeria 2-0.

Yaranse kwinjira mu kibuga n'aho yari yahejeje kwishusha avuga ko ababara ku bitugu.

Iyirukanwa ryiwe ryaramereye nabi umugwi wa Croatia utaronse uruhusha rwo kumusubiriza aho bagumye ari 22 gushika ubu.

Bangezi biwe baraza gukina urukino rutazibagirwa mu buzima bwabo mu gihe Kalinic azoba yifatanije n'abandi barorerezi ibihumbi n'ibihumbi baza kuba bariko bararorera urwo rukino batari mu Burusiya.