Liverpool yaguze umunyegoli wa Brezil, Alisson, azimvye cane kw'isi

Alisson Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alisson yakinye inkino zose za Brezil mu gikombe c'isi mu Burusiya

Liverpool yaguze umunyegoli wa Brezil, Alisson, azimvye cane kw'isi inyuma yo kumugurira umugwi wa Roma agashira umukono ku masezerano y'imyaka itandatu.

Uwo mugwi nturashira ahabona amahera bazoha uwo mukinyi wo mueri Brezil, ariko Roma yamenyesheje ko ayo masezerano ari ayo imiliyoni 66.8 z'amapawundi.

Uwo mukinyi w'imyaka 25 yavuze ati:"Ndavye ubuzima bwanje n'akazi kanje, iyi n'intambwe ikomeye kuba mu muryango w'uwu mugwi."

Yari amaze imyaka ibiri ari mu mugwi wa Roma, akaba yakinye inkino 37 zo mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano mu mwaka wa 2017-2018.

'N'umwe mu banyegoli beza kw'isi'

Umumenyereza wa Liverpool yavuze ko ukugura uwo mu kinyi ari ikintu ciza.

Yongeyeko ko:" Igihe kimwe muri izi indwi zike ziheze, twararonse akaryo ko kugiriranira amasezerano n'umwe mu banyegoli beza kw'isi."

" Na bo nyene baraezerewe natwe duca dushika k'uco twipfuza. Ntiyari mubashinze igiciro akwiye kugurwa, kandi na twebwe nta ruhara twabigizemwo. Ni ko isoko rimeze ntitwiyumviriye ivyo. Arakeneye kumenyera ihiganwa ryo mu Bwongereza. Ihiganwa ryo ngaha riratandukanye, abahagarikizi baratandukanye, ubuzima bw'umunyegoli buratandukanye mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza."

"Twarashoboye kumuronka kugira dukomeze mw'igoli."

Alisson yavuze ko kwimukira muri uwo mugwi yamye avyipfuza kuva kera, aca anashira ahabona ko umukinyi w'imbere wa Liverpool Mohamed Salah yahoze akinira umugwi wa Roma, yamurungikiye ubutumwa imbere y'uko ashika muri uwo mugwi.

Ejo yandungikiye ubutumwa buvuga buti: Yambu, urindiriye iki? Mu gihe ibiganiro vyariko biratera imbere, naciye nishura ubwo nyene: Tekana ndi mu nzira! Ndanezerejwe cane n'aka karyo ko gukinana na we. Uretse ko ari umukinyi mwiza, afise ingeso nziza kandi n'umuntu mwiza cane - akaba ari vyo bintu vyiza gusumba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Alisson ni umukinyi agira kane wa Liverpool aje mu mugwi wa Liverpool kuva barangije ihiganwa bari mu kibanza ca kane mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza rya 2017-2018, bakaba baranatsinzwe mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Umukinyi wo hagati wa Brezil Fabinho w'imyaka 24 yaragiye muri uwo mugwi avuye muri Monaco ku masezerano y'imiliyoni 40 z'amapawundi, no mu gie umukinyi wo hagati wo muri Guinee Naby Keita w'imyaka 23 na we yaje muri uwo mugwi avuye muri RB Leipzig yo mu Budagi ku miliyoni 48 z'amapawundi.

Umugwi wa Liverpool kandi waraguze umukinyi w'imbere wo mu Buswisse Xherdan Shaqiri w'imyaka 26 imukuye mu mugwi wa Stoke City.

Mohamed Salah na we w'imyaka 26 yatsindiye Liverpool ibitego 44 mu nkino 52 yaragiriraniye ayandi masezerano n'uwo mugwi y'iyindi myaka itanu.

Abanyegoli bazimvye kw'isi

Uwahorana umuhigo w'umunyegoli wa mbere azimvye kw'isi ni Gianluigi Buffon yaguzwe na Juventus imuvana muri Parma ku miliyoni 53 z'ama Euro mu 2001.

Umunyegori wa mbere azimvye mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza yaguzwe imiliyoni 40 z'ama Euro, akaba ari Ederson yaguzwe na Manchester United yahora muri Benfica mu kwezi kwa gatandatu mu 2017.

Ibindi bisa n’ibi