Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Budagi ririyamiriza ibivugwa na Ozil vyerekeye amacakubiri afatiye ku rukoba

Mesut Ozil Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ozil yari mu rukino batsinzwemwo na Korea y'epfo mu gikombe c'isi mu Burusiya

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Budagi ririyamiriza inkuru z'amacakubiri afatiye ku rukoba zishikirizwa na Mesut Ozil ariko riremera ko ryari kugira ico rikoze kugira ntibimushikire.

Ozil w'imyaka 29 yatangaje ko atanze imihoho mu mugwi nserukiragihugu w'Ubudagi avuga ko ari ku mpamvu " z'amacakubiri afatiye ku rukoba no kutubahirizwa" mu mupira w'amaguru mu Budagi.

Uwo mukinyi wo hagati yavuze ko yaronse ikete ririmwo ukumwinuba n'urwanko, arananebagurwa kuba Ubudagi bwaratsinzwe mu nkino z'igokombe c'isi.

Iryo shirahamwe ry'umupira w'amaguru DFB ryavuze ko " ryababajwe n'itanga ry'imihoho ryiwe."

Mw'itangazo ryaryo ryongeyeko ngo:"Turahakanye twivuye inyuma ko dufise uruhara mu macakubiri afatiye ku rukoba. DFB imaze imyaka myinshi yiyamiriza ibintu nk'ivyo."

Ozil yaranebaguwe na DFB hamwe no mu bimenyeshamakuru mu Budagi inyuma yo kwifotoza ari kumwe na prezida wa Turkia Recep Tayyip Erdoganmu birori vyari vyabereye i Londres mu kwezi kwa gatanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ilkay Gundogan na Mesut Ozil hamwe na Cenk Tosun wa Everton bari kumwe na prezida wa Turkia

Yaranebaguwe bikomeye inyuma y'aho Ubudagi buviriyemwo bakiri mu migwi mu gikombe c'isi.

DFB yemeye ko ishobora kuba itakoze ibikenewe vyose mu gutorera inyishu ico kibazo c'amacakubiri ahagaze ku rukoba nk'uko bikwiye, ikongerako ko:"Birababaje kubona Mesut abona ko atakingiwe bikwiye amajambo yerekeye amacakubiri ahagaze ku rukoba."

Ibi vyose vyatanguye gute?

Ozil, umudagi abavyeyi biwe bamuka muri Turkia, yavukiye i Gelsenkirchen akaba yaraterereye cane kugira igihugu ciwe gitware igikombe c'isi mu 2014.

Ukwezi kumwe imbere inkino z'isi zitangura, Ozil yarabonanye na prezida wa Turkia Erdogan hamwe n'abandi bakinyi bagenzi we b'Ubudagi Ilkay Gundogan, akinira Manchester City na we nyene abavyeyi biwe bamuka muri Turkia.

Inyuma y'aho amafoto yarakwiragijwe n'umugambwe uri ku butegetsi muri Turkia AK Party igihe cari kiri mu matora Erdogan yatsinze mu kwezi guheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mesut Ozil yicurikiriye inyuyma y'aho Ubudagi butsindiwe mu gikombe c'isi

Bamwe mubanye politike bo mu Budagi baranebaguye Ozil na Gundogan banerekana n'amakenga ko boba bafise akarangamutima w'abadagi.

Ubudagi bwaheruka kunebagura uwo muprezida wa Turkia ku nyifato agira kubo batavuga rumwe inyuma y'ihakwa gutembagazwa ku butegetsi.

Abio bakinyi barabonanye n'uwurongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Budagi kugira bisigure, n'aho Ozil atigeze acira n'amate hasi kuvyabaye gushika ku musi wa Mungu.

Yavuze ko Erdogan yabonanye n'umwamikazi w'Ubwongereza hamwe n'umushikiranganji wa mbere Theresa May igihe yari mu Bwongereza aca anasigura ko yari kuba agaye abamukurira mu gihe yari kwanka kwifotoza na prezida wa Turkia.

Ibindi bisa n’ibi